
Ibintu 6 abarundi baba hanze (diaspora) bahora mu karuhuko mu Burundi babonye bitifashe neza aha mu gihugu:
1️⃣ Igiturire (corruption). Aba Diaspora bavugako igiturire ciraye aho ngo no mw’ibarabara cibonekeza.
Bakavuga ko hari amahera adashika aho yategetezwa kuja kugira aterere mw’iterambere ry’igihugu.
2️⃣Ubuzi bwa Reta bwikwega (services publics zikwega).
Aha bamwe mu barundi baba hanze bahora mu Burundi babona ko abakozi ba Reta bopfuma bakora amasaha make, bakaza barakurakuranwa kugira ngo abari ku kivi babe ari abafise ingoga maze ivyo umuntu arondera vyokorwa nko mw’isaha ntibisubire kumara iminsi canke amezi bivuye ku kunanigwa n’ukwikwega kw’abakozi.
3️⃣Intereneti yifashe nabi(connexion internet faible).
Aba diaspora bemeza ko ibikorwa bisaba intereneti basanze vyikwega cane. Bamwe muri bo bakaba babonako bakwiye gufasha mu kurondera ababifisemwo ubumenyi bofasha kugira ngo mu Burundi « connexion internet » yisununure.
4️⃣Amazi n’amatara bidatangwa neza.
Aha basaba ababijejwe kugira ico bakoze kuko ngo hari ibikorwa vyinshi vyononekara, bigatuma n’iterambere ry’igihugu ricumbagira, mu gihe atamazi n’umuyagankuba bihari ku rugero rukwiye.
5️⃣Ibijanye no kwiyunguruza bisigaye ari akananira bahinga.
Iki bavugako gikaze cane kuko ngo n’abagize bararonse igitoro bikika mu kiza, aho ngo n’ibituro bizwi usanga batavyubahiriza. Abo ba #diaspora bagasaba Reta guhagurukira ico kibazo.
6️⃣Ubutungane butifashe neza.
Ikindi abo barundi baba hanze y’Uburundi basanze kirimwo ingorane nyinshi ngo ni igisata c’ubutungane.
Nk’uko babishikirije ngo abo muri ico gisata ntibemera gutunganiriza umwenegihugu vyoroshe kuko baba bamubonamwo amahera.
Aha aba Diaspora bagasaba mbere ko boronswa abashingwamanza babo mu gihe bafise imanza baburana aha mu Burundi.
Ivyo vyose babishikirije kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 10 Nyakanga 2024, i Bujumbura, mu kiganiro catunganijwe n’ubuyobozi bwa Diaspora_Ndundi, kugira bashikirize ivyo basanze bimeze neza n’ivyo babonye bitameze neza kugira bifashe ababijejwe gukosora mu ntumbero yo kuja ku murindi w’iterambere rigana ku mbonakazoza y’Uburundi, igihugu cifashe mu 2040, igihugu giteye imbere mu 2060.
Abarundi batari bake bavuze yuko ivyo vyashikirijwe ari ukuri leta yuko ikwiriye kubikorerako bigahinduka.