Uyu mwaka Abarundi bategerezwa gusenga bisonzesheje ngo igihugu gikore.

ISENGESHO RY’IHANGA RY’ABARUNDI

“Muze murobanure uwo mwaka wa 50 ubabere umwaka wa Yubile, mutangaze yuko mu giguhu cose habaye umwidegemvyo w’abantu bose bari murico. Umuntu wese muri mwebge aheze agaruke mw’itongo ryiwe, agaruke mubiwabo.” ABALEWI 25:10

Uhereye mu1972 gushika ubu mu 2024, haheze imyaka 52 Imana idukubise inkoni y’uburake kubera ivyaha vyacu, ikadushwiragiriza mu mahanga menshi yo kw’isi kugira ngo twicishe bugufi, twihane ivyaha vyacu, maze twige Ijambo ryayo, turimenye neza, turishire no mu ngiro kugira ngo riduhinduee basha twongere duhindure abandi. Inyuma y’I 1972n’abandi Barundi barashwiragijwe mu 1988, 1991, 1993 no mu 2015. N’uyu munsi hariho abaguma bomokera kurondera ahasumba iwabo.

Ariko naho vyatunaniye gukora ivyo Imana igomba, iribukayuko umwaka wa 50 ari umwaka wo kubabarirwa no kubohorwa. Imana idusaba gufata umwanya wo kwiyeza no gusenga kugira ngo yinjirire hagati mw’ihanga ryacu ihane abanyakibi bose binyegeza mu migambge, mu madini n’amashengero, mu moko n’imiryango n’intara kubera amanyanga ivyuzuyemwo, ubusuma, ibiturire, urwanko, ubusambanyi, ubgicanyi, ukwirundaniriza ubutunzi batitayeho ababa mu gihugu, n’ibindi vyaha vyinshi biri mw’ihanga ryacu.

Imana yirahiye yuko igira icishe umukubuzo wayo w’icuma hagati yacu mu gihugu no hanze iyo twahungiye hose kugira ngo isenyure kandi ikureho ivyo Abarundi twubatse bitayihesha icubahiro. Igira ihagarike igihugu c’isezerano kirangwan’amahoro, ubutungane n’imigisha kuri bose. Uburundi buzoba icitegererezo kw’isi gushika Umwami wacu Yesu Kristo aje kujana Ishengero ryiwe mw’ijuru.

Kubera ivyo, uyu mwaka ugira kabiri ku mwaka wari kutubera yubile nturengana utabonye ukuboko kw’inkomezi kw’Uhoraho Imana kuje gukiza igihugu c’Uburundi n’Abarundi. Umwe wese asabge kwezwa no gusenga yisonzesheje yibutsa Uhoraho Imana yuko kuva mu 1972 imyaka 50 yarenganye kandi yuko twiteguriye kwambuka rwa ruzi rusenyerana rukarandura ibiri mu nzira yarwo vyose mw’izina rya Yesu Kristo, Amen!