Ukore akabazo ko kwi pima ubgenge n’ubumenyi mw’ijambo ry’Imana.

IKIBAZO “IJISHO RYA MPWEMU” GUPIMA GUHITAMWO
Utoramwo inyishu imwe y’ukuri ku kabazo kose ukurikije uko akabazo kabajijwe.

  1. Imana yaremye ijuru n’isi mu minsi ingana gute?
    a) iminsi 6
    b) amasaha 7
    c)imyaka igihumbi
    d)Indwi imwe.
  2. Ni ikihe cerekana yuko Bibiliya itomora ibintu?
    a) Inyanja y’umunyu
    b) Imizingo
    c)vyanditswe kera vyose
    d)Ubuhanuzi bgashikijwe.
    e) Ubushakashatsi bg’ivyakera
    f) Izo nyishu zose nizo.
  3. Bibiliya ishingiye kuki?
    a) Ukuremwa, ugucumura, ugucungurwa no gusubiza iteka umuntu.
    b) Idini n’ishengero.
    c)Iremwa n’ugucumura kw’umuntu.
    d)iremwa n’abibaza yuko ibintu vyikoze.
  4. Kubera iki Imana yaduhaye amabgirizwa icumi?
    a) Ukunesha icaha no kubona yuko dukeneye umukiza.
    b) Ukumenya kuba umuntu mwiza.
    c)Kugira ngo ntitwinezereze.
    d)Kugira ngo twubahe Imana tuje mw’ijuru.
  5. Ukwihana bisigura iki?
    a) Ukwiyambura icaha ugatumbera Imana.
    b) Gutazira Imana.
    c) Kubandanya gucumura.
    d) Kuba mwiza n’umunyakuri.
  6. Icaha ca mbere ca Adamu na Eva cazanye iki?
    a) Twese twavukanye ivyaha tuba abanyavyaha.
    b) Ugutandukana n’Imana.
    c)Ugupfa kw’umubiri kuri twese.
    d)Umubabaro kuri twese.
    e)Izo nyishu zose ni izukuri.
  7. “Ubutumwa” bisigura iki?
    a) Ubutumwa bgiza bgerekeye Yesu Kristo.
    b) Ingene twotazira kandi tugakurikira Yesu.
    c)Inzira yo kuba umuntu mwiza.
    d)Ingene umuntu yoririmba mw’ishengero.
  8. Ubutatu risigura iki?
    a. Ikintu bakoresha mw’ihema mw’isezerano rya kera.
    b. Nowa, Mose, na Aburahamu.
    c. Izina ry’inyenyeri zitatu muri Betelehemu.
    d. Imana Data, Yesu Umwana, na Mpwemu Yera.
  9. Mu buhanuzi bgo mw’isezerano rya Kera Yesu yashitsa, havuyemwo ubuhe?
    a. Uko yari kuba umubaji.
    b. Uko yari kuvukira i Betelehemu.
    c. Uko yari kuvyarwa n’isugi.
    d. Yategerezwa kugurishwa ifeza 30 n’umugambanyi.
  10. Uba gute uwa Kristo?
    a. Kuba umuntu mwiza, ukaja mw’ishengero kandi ukabatizwa.
    b. Kuba mwiza, ugakunda Imana n’abantu.
    c. Gusoma Bibiliya, kuja mu rusengero ukagira n’ibikorwa vyiza.
    d. Ukwihana ivyaha, ukizera Yesu, kandi ukatura ko ari Umwami n’Umukiza wawe.
  11. Ni ikihe kitari ukuri mu kugaruka kwa Yesu Kristo?
    a. Hazobaho isi nsha n’ijuru risha.
    b. Yesu azokwerekana intsinzi yiwe kuri satani, ku rupfu no ku caha.
    c. Abizera bazoronka umubiri udapfa.
    d. Abantu beza bose bazoja mw’ijuru.
  12. Mu muhamagaro, Yesu yadutumye ibikurikira kiretse kimwe:
    a. Kugira abantu abigishwa biwe mu mahanga yose
    b. Kwigisha abantu kwubaha amabgirizwa y’Imana.
    c. Kubatiza abizera bose
    d. Gutanga ku rusengero ikigira cumi c’ivyo turonse.
  13. Vyose ni ukuri kuvyerekeye Mpwemu Yera kiretse:
    a. Guha abizera ivyamwa vya Mpwemu Yera biduhindura kuba nka Yesu.
    b. Mpwemu Yera yabayeho ukuri kwamye Yesu apfuye ku musaraba.
    c. Kuba umuhanuzi wacu aturongora iminsi yose mu buzima.
    d. Kwibera mu mitima y’aba-Kristo.
  14. Ni ikihe cerekana neza yuko Yesu yazutse mu mubiri.
    a. Abayuda bavuze yuko abigishwa biwe bamwivye ikiziga.
    b. Abantu basanze imva igaragara, ntibigeze batora ikiziga.
    c. Ivyabona vyinshi vyamubonye yazutse.
    d. Ingene ishengero ryagwiriye amaze kuzuka akaduga mw’ijuru
    e. Izo nyishu zose n’ukuri

Urashobora kwishura utwo tubazo, mu guhuza igiharuro c’akaba n’urudome rw’inyishu. Ushaka yuko tuguhubura tukaguha n’amanota waronse twandikire kuri IHANGARYERARYIMANA@GMAI.COM canke +1 914 448 3650.