




Tumaze imyaka ishika 10 tuvuga ivyerekeye amasezerano y’igihugu c’Uburundi yuko Abarundi ar’igihugu catoranijwe n’Uhoraho Imana. Abantu benshi ntibagomba kuvyumva bakabirwanya abandi bakibaza yuko vyoba arivyo bakaba ba ntirumveko.
Abu ntituvuga yuko Imana izoshitsa amasezerano, tuvuga yuko iyashikije. Ishitwa ry’ico Uhoraho Imana yashinze ntiriza ryoroshe kuko irahungabanya inzego n’urutonde vyashinzwe n’abantu ikazana urutonde rwayo. Ikindi abantu basanga kibagora bigatoma urutonde rw’Imana ruza rugoye n’uko mu gushitsa ivyo yasezeranye ikoresha ivyo yaremye (la nature) abantu bagashikirwa n’ivyago gushika aho bibura aho bari. Ikigeretseko, n’uko muguhana abantu ibateza gusubiranamwo canke ikabareza abansi babo. Ibi abantu bakwiriye kubizirikana cane.
Ikintu cerekana yuko Uhoraho Imana agira akore ibintu bihambaye, usanga abana batibabgaho. Dufatiye akarorero muri Bibiliya, Igihe ca Nowa, umwuzure igira ube, ivyerekeye abana ntibivugwa. Abisirayeliyi bambutse bavuye muri Egiputa, abana uko babaho ntibivugwa, mbere no mu ntambara ihanga ryarwana ntibavugwa. Igihe ca Sodoma na Gomora, ivyerekeye abana ntibivugwa. Igihe ca Ananiya na Safira ivyerekeye abana babo ntibivugwa. Ariko Imana iritaho abana bato kuko Yesu Kristo yavuze ati ni mureke abana bato bandange kuko abameze gutyo aribo bazoragwa ubgami bg’ijuru. [Luka 18:16]
Igituma leta y’Uburundi iburiwe n’Ihanga ry’Abarundi muri rusangi, n’uko ikibazo c’abana cibagiranye kandi giteye ikigongwe. Hari umwigisha ariko araganyira abavyeyi yuko yigisha ishure ririmwo abana 190, bicara hasi, batagira utuzu twa sugumwe, batagira amazi, batagira n’amakaye. Murabajijwe: Iryo n’ishure nyabaki? N’iryo mu gihugu citwa ngw’iki?
Hariho abana benshi b’Uburundi batwawe mu mahanga, abagurishijwe n’abijanye gukoreshwa uburetwa, iryo ni ihanga ryitwa ngw’iki? Riyobowe na bande?
Ayo mafoto ngaho n’ayo abana bataja kwiga bakaguma mw’ibarabara, ayo abana batwawe i Kongo batabgayo, ayo abana bafatiwe i Kobero batwawe Uganda, iyo umwana yatowe muri Rohero hari n’abandi benshi birirwa baraburirwa irengero. Ikibazo c’abana caribagiranywe nko muri vya bihe muriyubare.