Uhoraho agira ashitse isezerano ku gihugu c’Uburundi ubu naho hari indimi mbi zibihakana.

Abarundi batari bake bamaze iminsi itari mike basenga Uhoraho Imana ngo atabare igihugu cabo cazinzwe n’indyane n’ubukene kuva kera kugira ngo ashitse isezerano yabasezeraniye.

Amakuru ava ku bicaniro vy’amasengesho mugihugu cose n’ibiri hirya no hino mu mahanga, Mpwemu Yera w’Imana arururuka akavugisha abasenzi batandukanye, batazinanyi n’abafise umuhamagazo yuko igihe kigeze yuko Umwami Yesu Kristo aje gutabara ihanga ry’Abarundi. Ivyo bitera umunezero abantu benshi mbere harimwo n’abanyamahanga bagahaguruka bagatanga imburi n’ubuhanuzi yuko Ihanga ry’Abarundi rigira ritabarwe kuko igihe c’Uhoraho gishitse.

Izo nkuru zituma hari imitima ihungabana kubera ishari n’inzigo, kamere n’amarangamutima ya bamwe. Nico gituma hari umugabo umugabo yajanywe ari impunzi mu gihugu ça Amerika yigira umuhinga ku masezerano Imana yahaye igihugu c’Uburundi, hamwe akavuga ngo “Amasezerano agashika buzoba ari ubgoya bumeze mu kiganza”, ahandi agahindura ngo “Amasezerano ntazoshika kur’uru runganwe, azoshika kubana babo.” Ariko aranigana n’Imana arwanya ijambo ryayo. Uyo bamwita gihoganya kuko ntazi ivyo avuga canke afise uwamutumye kubuza abantu kwitegurira urubanza rw’icubahiro Imana yabateguriye. Hariho n’abandi biyimika bakigira Abami n’abaherezi b’Uburundi bg’Isezerano. N’abo ntibagire uwo basamaza kuko usanga bakubagurwa n’impwemu zihumanye. Ntihagire uwo basamaza cane ngo bajuragizwe, Uhoraho Imana adusaba kwezwa no gusenga cane kuko ivyo yadusezeraniye biradushwayemwo.