
Uhoraho Imana niyo yimika Umwami hanyuma ikamuha abantu kugira ngo abaganze. Mugabo hariho igihe abantu bagarariza Imana bakiyimikira Umwami bitoreye kugira ngo abaganze. Uyo aza abatwaza ituntu, inkoni yahawe yo kubayobora akayitiranya n’ubuhiri bgo kubahonda, ubutware yahawe akabgitiranya no gupfunga no gupfungura uwo yishakiye. Murico gihe, Abarundi baricuza icatumye bamutora bakipfuza n’icomubakurako.
Umwami yimitswe n’Imana agahabga ababa mu gihugu aratandukanye n’uwo abantu bitoreye canke uwiyadukije. Umwami yatanzwe n’Uhoraho Imana aba afise urutonde rw’Imana. Urwo narwo ni ukuganziriza mu Mana, ukugarukana igitinyiro cayo mu gihugu no gutunganiriza bose mu butunzi, mw’iterambere, mu butungane, mu magara no kubaho kwa minsi yose ahereye kuri uriya muntu asanzwe ari ruhebga. Aha umuntu yotahura abana, abarwaye, abamugaye, impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, impunzi, abapfunze n’ipahazwa.
Umwami nk’uyo azanira igihugu imigisha. Muzohore musenga Imana ibimikire Umwami yishimira kugira ngo igihugu canyu kibe impore.