



Mu gihugu c’Uburundi bisigaye bigoye kumenya urutonde rw’ukuri kuko ibintu vyose ni ugusigiririza. Mugihe hariko haraba inama y’indongozi z’abakenyezi bavuye kw’isi yose bavuga ivyerekeye kubungabunga abana, mu gihugu cacu uwo munsi nyenye hariho abana berekanwe bishwe batwawe n’umuvo w’amazi n’uwundi yatewe umusumari mu bgonko na mukase. Abo n’abamenyekanye kuko hariho vyinshi bibera mu gihugu bitamenyekana. Hariho abafata ibintu nk’ivyo nk’impanuka zisanzwe mugabo siko biri n’ibimenyetso vy’ingene ihanga ryacu ritunganijwe nabi. Ikintu cose categerezwa gutunganywa ku neza y’ababa mu gihugu uhereye ku gukingira Abana kuko nibgo Burundi. Niwo mutahe igihugu gifise ariko bisa n’uko atariko inzego z’igihugu zibibona.
Tutanze akarorero k’ingene Abarundi atakindi babona atari ukuvuguruza ukuri ku buryo ikintu cose bama barondera gukingira uwavuze canke uwakoze ikintu kibi muri ya ngwara yo gushigikirana, umwe yagize at:”
None se uyu mugabo finalement igihugu cacu kizobaho ataguhana? Kugirango dushike guki? Umukuru wigihugu hagufata ingingo yoguhasha abambuzi nabafise umugambi mubi kugihugu we aja kuganya cokimwe numwenegihugu nawe amuganyira yiteze inyishu kuriwe? Uyo ni umukuru wigihugu nyabaki? Nimba Atari abahanuzi biwe babi bamusuka kumbure nabo bafatanije nabonyene agomba kwisuzuma kwisi ntagihugu kidahana kibaho. Babura bagura amabohero canke bakongereza ibihano aho kugabanya abafungwa kuko vyose bigomba kubonwako gufungwa nigihano gihana kikigisha kigashira kumurongo inkozi yikibi ariko iterabwoba ngo ubusho bwuzuye uwishe agaca arekurwa ico si igihugu mbe kuki imfungwa mu burundi badakorera igihigu nkibindi bihugu bakarya bakoze”
Uwundi aca amwishura ati: “ None kubwira abanyagihugu ibiriko biraba birabuza munyuma guhana? Ahubwo ni vyza caane kumenyesha abanyagihugu imvo nimbano yingorane zigihugu. Guhana navyo bigakurikira munyuma.”
Igihe cose umwe agize ati iki ni kibi hama haboneka uwundi agira ati nta kibi kirimwo naho ibara riba ryaguye. Biribonekeza yuko umukuru w’igihugu yama yidocera ubutungane, ubutunzi, indero, uburimyi, … aho gufata ingingo zo guhindura ibitagenda neza, bikaboneka yuko ibintu vyose ari ugusigiririza.
Kuvyerekeye abo bana batwarwa n’imivo harakwiriye kwubakwa ibiraro bacako mbere hagashingwa n’abajejwe kubajabutsa iyo imvura yaguye. Aba bama bicwa bagonzwe n’amakinga, amapikipiki n’imiduga, harakwiriye ingingo ruhasha zo gukingira abana mu mabarabara. Kuri abo bakubitwa, baricwa, bakomeretwa gushika aho baterwa imisumari mu mutwe co kimwe n’abo bagurishwa, ni ikibazo co kwicarira kugira ngo imico n’imigenzo binagurwe n’inzego zijejwe gukingira abana zihabge agaciro. Udakongiye uduswi tukiri mu cari ntaco uzokworora. Uburundi bukwiriye kugira indongozi zifise imbono y’igihugu mu buzima bgaco bgose muri kubu na kazoza.