Igitabu: « INTAMBARA YO MU MAYIRABIRI »

” INTAMBARA YO MU MAYIRABIRI”
Abarundi dutegerezwa gutonda urugamba kandi tukarunesha. Ni ugutsinda intambara yo mu mayirabiri kugira ngo twinjire muri ca gihugu c’amata n’ubuki. Abari mu mayirabiri, bigizayo incabgenge n’abahinga, abakozi n’abanyengabire bakiyegereza abasavyi maze imigambi yose igaherera mu majambo. Mur’ico gihe uwukubiswe ntamenya abamuteye iyo baturutse. N’abikomeje barasamburana kuko umwansi wa mbere w’umuntu ni we nyene. Mu mayirabiri ibozoratima riragwira, ububisha bukiyongera, ubgenge bugacurika, n’ingo n’imiryango bigasamburwa n’indyane ziterwa n’amagorwa n’amaganya bituruka ku bukene. Hanezererwa uwiganje mu basuma n’abambuzi n’iyindi migwi ikorera mw’ibanga ikabica bigacika.
Iyo abantu bazangazanga mu mayirabiri, uwuhivye yibaza yuko bose bahaze, umunyakibi akicura yuko bose bamwanka, ingimba ikiganza, imitima y’impahazwa igashongera munda, bakarira batagira gitabara. Abantu bafatwa n’intimba n’akabonge, bakagenda barayinze bashira umunywera. Uwutabizi nti yotahura yuko ubutindi butera ingwara zidakira, bukica abantu iminsi yabo itaragera.
Mu mayirabiri wohabarirwa n’uwaharaye, aho uwuvuga ukuri bamunywesha ibirohe babanje kumugereka inteba. Ni naho usanga abasenga n’abadasenga bose bahurira mu barozi, abapfumu n’imizimu, bakava mu bitabo baja mu masengero; ibirwanishwa vyacuriwe kubarwanira bikabarwanya. Abahagamye mu mayirabiri biha amenyo y’abatwenzi kuko niba ntibabarirwa, ukuri bakwita ikinyoma, umwijima ukawitiranya n’umuco, ntibamenye iyo baja n’iyo bavuye; bakemeranya n’ivyarivyo vyose. Ivyo bituma abana b’iryo hanga basanzarira mu mabohero no mu mahanga kandi aribo bari guteza imbere igihugu cabo.
“Intambara yo mu mayirabiri” ni igitabu cunganira ibindi, kirimwo ubutumwa butuvyurira gutonda urugamba no kurutsinda. Ni igitabu kitwugurura amaso ngo tumenye yuko turi mu mayirabiri kikatwereka umwansi wacu w’ukuri uwariwe n’inzira dukwiriye gufata kugira ngo tuve mu mbobane kugira ngo tujabukira muri ca gihugu c’amata n’ubuki. Ivyo tutabikoze haba hasigaye yuko imigwi n’amashirahamwe akorera mw’ibanga yitoragurira ivyandagaye mu mayirabiri.
Iki gitabu kikwibiza mu bumenyi utari bgumve kandi utamenyereye bgerekeye amashirahamwe akorera mw’ibanga kandi ntamenyekane ariko ibikorwa vyayo biteye ubgoba. Ujanye nantwe mur’uru rugendo, uratahura kandi ukamenya neza amamo n’amamuko ya za Al Qaida, Boko haram, El shabab, Hamas, Hisbollah, Islamic State, n’izindi Mujahdini zirenga 50. Usangamwo indinganizo n’ibikorwa vy’inzego zikomeye z’iperereza kw’isi uhereye kuri CIA, FSB, FBI, MOSSAD, ISI, NIS, NTRO, NIAIB, NSA, GDI, ASIO, ASIS, ABIN, CSISVAJA, SAHEFAJA, M15, MIT n’izindi. Ivyo bituma umenya iyo isi iriko iragana n’igitutu ivyo bihangange bifise kw’ihanga ry’Abarundi.
Ukiri mur’uyo mwibi nyene, usangayo ubumenyi budasanzwe ku bisizimwe bigerageza kuyobora iy’isi dutuyeko bikoresheje ubuhinga buhambaye bg’aba illiminati, aba Franc Maçons, Aba Rose croix, aba Havila, aba Ordo templi Orientis, n’abandi benshi tujonjora ivyabo duhereye ku mabanga y’abarozi n’abapfumu b’i Burundi n’abandi bicanyi bagisibije, bakorera mw’ibanga.
Muri uru rugendo duca ahantu hatagira izuba n’ukwezi, inyeneri canke amatara tugashikira ahantu hari abagabo n’abagore bateye ubgoba bativuga kandi bataboneka. Aba MAFIA nka Bratva (братва́ bratvá [brɐtˈva]) yo mu Burusiya, Cosa Nostra (risigura ibintu ni ivyacu) yo mu Butaliyano, MS-13 batazira Mara Salvatrucha yo muri Amerika, Camorra yamuka mu Butaliyano, za yakuza na Triads zikorera kw’isi yose n’igihugu cacu kidasigaye inyuma. Twiburuka tuva mur’urwo rugendo rwo mw’isi y’umwijima tuduganye umuco kuvyo amashirahamwe yo mw’ibanga atakindi ajejwe atari uguhushisha umuco n’urufatiro rwo mu Vyanditswe Vyera. Ayo mashirahamwe yose twadondaguye akorera mw’ibanga, abayarimwo wewe barakuzi kandi barakubona ariko wewe ntabo ubona kandi ntabo uzi. Ariko abo sibo bodutera ubgoba kuko akica urugo karuvamwo.
Mu ncamake, igihugu cose usanga gifise inkingi zubashwe cubakiyeko. Nk’uko kahise k’ibindi bihugu kabitwereka, ihanga rikomera bivanye n’ingene uburongozi bufasha abandi gukomeza za nkingi indwi zikora zikoranye. Iyo abantu batazikomeje bamata mu mayirabiri ugasanga bama bimbana mu mizi, bakankana urunuka. Barasharikana bakarogana, bakagirizanya ibinyoma kandi bakikekana. Ntibagera umutwe no gusahura igihugu bajejwe guteza imbere. Baca basumirwa n’impwemu z’ukwihorahorana, abantu bakicwa n’abajejwe kubakingira, ubutungane bukaba umugani. Ikindi kikumenyesha yuko muri muyirabiri, umwe wese aribako, bamwe bose bakikwegerako, bagasambura ivyubatse mbere bakubaka n’ibisambuka. Ntibaba bacitaho za nkingi zikomeza ihanga kandi ivyo ntibiberera. Haba hageze yuko bikubita agashi bagahinduka kugira ngo bahindure abantu n’ibintu canke bakitega inkoni y’icuma c’Imana.