
BEBA GIDIYONI KU GIHUGU C’UBURUNDI
BEBA Gidiyoni yavukiye ku mutumba MBIZI commune VUGIZO mu ntara ya MAKAMBA mu mwaka wi 1923. Mu bgicanyi bgo mu 1972, amaze imyaka 50 y’amavuka, yahungiye mu gihugu ca Tanzaniya aho yabandanije asengera mw’Ishengero rya Pantecote i GATUMBA muri Tanzaniya, mugabo akagenda arashikiriza imburi n’ubuhanuzi Uhoraho Imana yahora imubgira kugira ngo aburire Ihanga ry’Abarundi.
Umuvugishwa n’Imana Beba yarasavye Imana guhunguka, irabimwemerera mugabo iramumenyesha yuko ata myaka myinshi yo kubaho asigaranye. Aho atahiye mu Burundi, abandi bakozi b’Imana ntibamwakiriye neza kubera bari barumvise imburi atanga. Ari mu gihugu c’Uburundi iwabo ku gatumba iwabo i VUGIZO mu ntara ya Makamba mu 1992, yarashikirije imburi nyinshi zirimwo amakuba yashikiye igihugu c’Uburundi kuva mu 1992 gushika uyu munsi. Imana yamubariye ngo babgire ibigira bishike vyose. Muhira iwe hama abantu benshi baje kwumviriza ivyo Imana ihishura ku gihugu c’Uburundi, harimwo intwazangabo z’igisirikare n’igipolisi ca kera bava za Bujumbura, Bururi, Rumonge, na ruguru baza iwe gusiguza.
- Yababgiye yuko hagiye kuba amatora kandi yuko umukuru w’igihugu azotorwa bo nyene bazoca bamwica. Ati:”ni mwamwica namwe nyene muzohona”.
[Mu 1993 Ndadaye Melchior yaratowe, amaze amezi atatu gusa abasirikare ba leta baramugandaguye kuwa 21 mukwi 10 mu 1993. Intambara yakurikiye yamaze imyaka 12 mubo yahitanye harimwo n’abasirikare ba Leta yakera.] - Hanyuma n’uwuzomukurikira ntazoragama nawe nyene bazomwica. [Ntaryamira Cyprien yagenywe inyuma ya Melchior NDADAYE bamugandaguriye nawe nyene ku kibuga c’indege i KANOMBE, KIGALI mu RWANDA kw’igenekerezo rya 6, Ndamukiza (4) mu 1994 amaze amezi abiri gusa ari umukuru w’igihugu. Gushika n’uyu munsi nta rubanza rw’abamwishe rwigeze rusasa]
- Uwuzokurikira ubugira gatatu nawe bazomwirukako, bamuteshe ubutegetsi ataramara n’imyaka itatu. [Umukuru w’igihugu NTIBANTUNGANYA Sylvestre aracariho mugabo BUYOYA Petero yaramwirukanye ku butegetsi babanje kumutera amazirantoke i BUGENDANA mu ntara ya GITEGA mu 1996 haciye imyaka 2, niho yaciye ahungira mu buserukizi bga Amerika]
- Hanyuma yivyo Imana izohagurutsa imisore n’inkumi bahabge inkomezi nyishi bafise ibigwanisho. Bazoba mu mashamba barya inka n’impene zanyu. Bazorwana cane ariko Imana ntizokunda yuko bafata igihugu bakoresheje umuheto kugira ngo ntibahave bakuraho intumbero y’Imana y’umugambi w’ISEZERANO ku gihugu c’UBURUNDI. [ Naho FNL yarisanzwe ihari, aho umukuru w’igihugu Melchior Ndandaye yiciwe, imisore n’inkumi yaciye ifata ibigwanisho yitwa Force de la Defense du Peuple (FDP), hanyuma yitwa Force pour la Defense de la Democratie (FDD) yahavuye yitwa CNDD-FDD izwi uyu munsi, yaje ku butegetsi yaciye mu mishikirano mu 2003 n’amatora yabaye kuwa19/08/2005.]
- Umwe muri abo bagwananya leta azotwara igihugu imyaka itari mike, yanke n’impanuro z’imiryango mpuzamahanga kandi nawe nyene azopfa mu buryo budasobanutse. [Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatwaye imyaka hafi icumi n’itanu, bamubitse ataraheza manda, kuwa 8 z’ukwezi kwa 6 mu 2020. Umuvugishwa Evelyne NTUNZWENIMANA mu mwaka wa 2014 yareretswe urupfu rwa Perezida Petero NKURUNZIZA, ijambo azovuga imbere yuko apfa, aho azogwa, aho azohambga n’imodoka zizorerura ikiziga ciwe, uko yabivuze niko yagenze.]
- Uwo azokurikirwa n’uwundi mukuru w’igihugu w’umusirikare azotwara umwanya nk’uwo urume rumara kuko atazoheza ikiringo ciwe. Uwo azotwaza igitugu amanyama n’igikenye, ifaranga ry’Uburundi rite agaciro, mu gihugu haduke amapfa n’ubukene, Abarundi bahunge igihugu baja guca ingero mu mahanga. Kubera ivyo, azokwikurirwaho n’abo mu mugwi wiwe. Niho Imana izoca ishitsa ico yagambiriye. [Intwaro ya General Major NDAYISHIMIYE Evariste, umurundi wese n’umunyamahanga yogira ico ayivuzeko iki gihe.]
- Hazokwaduka intureka mu gihugu, habe ubgicanyi n’impunzi nyinshi zimwe zibure aho zica kandi ahozizoba ziri hose zizoca zihebura mbere zice bugufi imbere y’Imana kuko zizoba zatakaje icizere. [Uyu munsi hariho imburi n’ubuhanuzi nyinshi zidusaba kwezwa cane no gusengera igihugu c’Uburundi kuko ivyo Uhoraho Imana yasezeranye bigira bishike.]
- Mur’ivyo bihe, Imana izoca ihagurutsa umugwi witwa “RUBURAKIGONGWE”. Uwo mugwi uzotera mu mice itatu y’igihugu c’Uburundi harimwo n’uwo i Muyinga uzoba ukaze cane kandi bazotera ibisasu ku gisagara ca Bujumbura. Ico gihe abasirikare b’Uburundi bazonanirwa gushika naho bambara n’impuzu z’abagore kugira ngo biyoberanye, bicare hasi bamanike amaboko, bakome amashi kugira ngo barabe yuko bokira kubera iyo ntambara. Umuntu azoba ariko ikimenyetso co gupfa ntazokira naho azoba yarahungiye mu mahanga azokurwayo kugira ngo aze gushitsa ico isezerano ryavuze kandi hari n’abari mu mahanga bazogwayo. Muri ico gihe n’ibihugu bibanyi vy’uburundi ntibizoba bitekanye kuko hazokwaduka intambara hagati ya Congo n’Urwanda n’ibindi bihugu biyivangemwo. N’igihugu ca Tanzaniya kizokwadukamwo intambara impunzi z’abatanzaniya zihungire i Burundi.
[Uhoraho Imana yeretse abavugishwa benshi yuko izo ngabo ziza ziri mu gihugu c’Uburundi mu ntara zose, ama Komine yose n’imitumba yose yuko zirindiriye ifirimbi y’Imana gusa.] - Hanyuma y’ivyo Imana izoca izana uwo yamaze gutoranya kandi yateguye ngo arongore igihugu c’Uburundi bg’Isezerano, imukuye mu mahanga iyo yamunyegeje. Uwo niwe azoza gushitsa amasezerano Imana yasezeraniye igihugu c’Uburundi kuko Imana yaramuhaye urutonde. Uwo azogarukana igitinyiro n’icubahiro c’Imana mu gihugu. Kubera yuko abantu bazoba barapfuye ari benshi, amaraso agashika no ku jisho ry’ikirenge, hariho abazomufasha gutwara azoronderera no mu mahanga hanze y’igihugu iyo yabaye imyaka itari mike.
- Mu gihugu c’Uburundi, nta ndyane z’amoko, imiryango, imigambge, amadini n’amatongo zizoba zikiriho, umuntu wese azogerera aho agomba hose mu gihugu. Impunzi z’Abarundi zizotaha mu gihugu, hari n’izizohungurwa n’indege (Inkukuma), n’Imana izogwisha imvura y’umugisha uburundi butere imbere. Ico gihe, igihugu c’Uburundi kizoca cubakwa neza ku buryo butangaje bga kijambere, kandi abo mw’IHANGA RYERA ry’Abarundi nibo bazotwara umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose imbere yuko Yesu Kristo agaruka kw’isi.
Umuvugishwa BEBA Gidiyoni ivyo yahanuye vyose vyagiye biraba mu gihugu cacu c’Uburundi uko yagiye arabitondeka kimwe ku kindi gushika ubu. Ivyo vyatumye n’uyu munsi abantu bose babona yuko yari umuvugishwa w’ukuri w’Umurundi wenyene amaze kubaho. Yahavuye afatwa n’ingwara bamutwara ku bitaro bikuru i Makamba, biranka bamufatana urugendo ngo bamutware kumuvuriza mu bitaro bikuru i Bujumbura. Bageze mu nzira, Imana imubarira iti babgire bagusubize inyuma kuko utazokira utegerezwa gutaha kuko igihe cawe kirageze. Kuko bari bazi yuko ari umuhanuzi adasanzwe, baciye bamwumvira bamusubiza ruguru iwabo iyo yarasanzwe aba kw’itongo. Yahavuye ataha muri Ruheshi (6) mu 1994 amaze imyaka 71 y’amavuka.