Ibiciro mu gihugu c’Uburundi vyabaye umurengera.

Ibiciro vy’ibifungurwa, isukari, ibinyobwa n’ivya nkenerwa vyiyongereye ku ncuro ziri hagati ya 2 na 4 mu Burundi mu kiringo c’amezi 6 gusa, kuva mu kwezi kwa Ndamukiza gushika muri Munyonyo 2024

Ibiharage vy’umuhondo vyavuye ku 4.800 BIF ku kiro bija ku 6.500 BIF, igiciro caduze ku bice 35,4%, nayo ikiro c’intete z’ibigori ziva ku 1.800BIF zija ku 2.800 BIF (55,5%), ic’ibiraya vy’umuhondo batazira Ruhengeri biva ku 1.900 BIF bija ku 3.000 BIF (57,8%), inyama irimwo igufa iva ku 15.000 BIF ija ku 24.000 BIF (60%), inyama y’umusoso iva ku 17.000fbu ja ku 30.000 BIF (76,4%) nk’uko biri mu cegeranyo cashizwe ahabona kuri uyu wa 19 Munyonyo n’ishirahamwe rijejwe kurwanya igiturire n’isesagura ry’amatungo (#Olucome)

Mwomenya ko muri ico cegeranyo harimwo n’ibindi bintu vyankenerwa, kandi ko harimwo n’ivy’ibiciro vyikuvye incuro zirenga 2, aho harimwo nk’umunyu wavuye ku 25.000BIF ku mufuko w’ibiro 25 uja ku 55.000BIF (120%) nayo isukari iva ku 3.500BIF ku kiro ija ku 10.000BIF (185,7%), n’ibindi nk’uko muvyibonera kuri ico cegeranyo mu mashusho

Olucome Burundi imenyesha ko iryo duga ry’ibiciro ryatewe n’ikena ry’ifaranga ry’agaciro, hamwe n’intunganyo mbi y’ubutegetsi, aho umwe wese yisuka mu rudandazwa agaca arondera inyungu y’umurengera maze ubushikiranganji ntibube bukironka inguvu zo kugira ico zibivuzeko narirya ababa binjiye muri urwo rudandazwa baba babusumvya ijunja

Iryo kena ry’ifaranga ry’agaciro ryatumye habura igitoro co kwunguruza ibidandazwa, rituma kandi n’amahinguriro adashobora kuronka ibikoresho bibafasha guhingura ibidandazwa, bica bituma adashobora gusohora umwimbu ukwiye, ahubwo agashima kuduza ibiciro vy’umwimbu muke aba yaronse, ivyo bica bikora kwiduga ry’ibiciro ku bisata bitandukanye harimwo n’imiti