Kuzimurura abazimiye n’abazimijwe ku mazina ya Mesiya, Emmanweli, Kristo, Yesu , Ndiho…

KUZIMURURA ABAZIMIYE N’ABAZIMIJWE KU KUTAMENYA INDIMI

Mu kibano c’abantu hama hariho umuntu canke umurwi wama ugomba gukora canke kwizera ibidasa n’ivy’abandi. Hariho ababigira n’ibigirankana canke bikabashikira batabizi. N’aho rero no mw’ihanga ry’Abarundi habonetse abita izina rya YESU KRISTO, icaduka c’umuromani, bakarisimbuza EMMANUWELI. Turagomba yuko uwufise ubgenge bgo gutahura amenya yuko uyo yitwa EMMANUWELI mw’isezerano rya kera ariwe yitwa YESU KRISTO mw’isezerano risha. Tubifashwamwo n’ubumenyi dufise mu ndimi ayo mazina yamukamwo hamwe n’ivyanditswe vyera.

AMAMO N’AMAMUKO Y’IZINA “YESU”

Izina YESU riva mu rurimi rw’igiheburayo YESHUA rivuye mw’itsitso [ y-š-ʕ] (Igiheburayo: ישע), ijambo risigura « gutabara; kubohora ». Izina YESU ni inkoro y’ikilatini iva mu Kigiriki [Iesous], aho riba ryanditswe uko risomwa rikanavugwa mu giheburayo. Izina YESU rifata insiguro nini kubera ryonyene rivuga ubizima n’ibikorwa vyatabaye abantu. Mu Kigiriki, ni izina rifatanye n’irivuga [iasthai], risobanura « ugukiza ».

AMAMO N’AMAMUKO Y’IZINA “KRISTO”

Izina KRISTO ryamuka mw’izina ry’Igiheburayo MESIYA, risigura « Uwasizwe amavuta ». Mu bisanzwe KRISTO ni izina ry’icubahiro ryerekana yuko YESU ari UMUKIZA n’uwo Uhoraho Imana yahisemwo kuba Umwami w’abami. Mu congereza ca kera bandika bakavuga [Crīst], mu Kilatini [Christus], mu Kigiriki [ Khristos]. Ni izina rikoreshwa mugabo ari akaranga, risigura ‘uwasizwe’ rivugwa kandi rikandikwa [khriein] ‘gusiga amavuta’, irivuga mu giheburayo [māšīaḥ] ‘Messiah’. Mu Kirundi ni “ugusukako amavuta”, mu Congereza ni “Anoint”, mu gifaransa ni “Oindre”, mu giheburayo ni “māšīaḥ”, mu Kilatini “Christus”, mu Kigiriki ni “Khristos”, mu giswahili ni “Kupaka mafuta”. Ubu rero ndibaza yuko batahuye igituma KRISTO na MESIYA ari irivuga rimwe rivuzwe mu ndimi zibiri zidasa mugabo ryabaye izina ry’icubahiro kubera ico nico risigura “Uwasizwe amavuta”.

AMAMO N’AMAMUKO Y’IZINA “EMANUWELI”

Izina EMANUWELI riva mw’ijambo ry’ikigiriki [immanu], risigura « kumwe natwe », hanyuma [‘el], risigura « IMANA ». Iryo zina uko ryandikwa n’uko risomwa ryavuye mw’ijambo ry’Igiheburayo [IMMANUEL] ritangurwa n’urudome « I » ariko mu Kigiriki ryandikwa kandi rigasomwa “Emmanouel” ni urudome « E ». Muri Bibiliya, mw’isezerano rya kera, iryo zina riboneka muri [Yesaya 7:14, 8:8, na 8:10]. Mw’isezerano rishasha, riboneka muri [Matayo 1:23].

Nk’uko tubibonye mu mamo n’amamuko y’amazina YESU, KRISTO, IMMANUWELI, insiguro y’ayo mazina aratandukanye ariko KRISTO na MESSIYA ni ijambo rimwe rivuzwe mu ndimi zitandukanye mugabo risigura “UWATORANIJWE, UWAROBANUWE” canke “UWASIZWE AMAVUTA”. Ni nk’uwuvuze “Umutsima” mu Kirundi, “Ugali” mu giswahili, “la pâte” mu gifaransa, “The paste (bread)” mu congereza; aba avuze ikintu kimwe rudende. Uwutazi indimi yorahira akarengwa!

Mw’isezerano rya kera mu kuvuga KRISTO bakoresha iryo rivuga nyene mugabo barikuye mu Giheburayo bakavuga MESIYA, mw’isezerano rishasha bakoresha iryo zina nyene uko risigura kandi rivugwa mu ndimi za none [Yesaya 9:6, Matayo 1:16, Malaki 3:1, Luka 2:11, Matayo 16:16, 16:13-20, Zaburi 2, Yohana 4:25-26]

Abantu basanzwe bamye biyita canke bitwa n’abandi ayo mazina ya Emmanuel, Imma, Christ, Chriss, Christian, Mesiya, Messy, Jesus, Yesu; bakayitwa bataravye ico asigura mbere bakanayafatanya n’ayandi nka: Jesus-Marie-Joseph, Emmanuel-Christ-Roi, Jean-Messiah-Pierre, ayo yose asigaye ari rusangi y’abantu. Ndizera yuko ata muntu azosubira kuzimira canke ngo azimizwe n’abazimiye. “Nta muntu avugishwa na Mpwemu w’Imana, avuga ngo Yesu ni ikivume kandi nta muntu ashobora kuvuga ati Yesu n’Uhoraho atabivugishijwe na Mpwemu Yera.” [1 Abikorinto 12:3]

Nta rwitwazo na rumwe ruhari rwo kudatahura yuko Yesu ariwe “Uwasizwe amavuta, Uwatoranijwe, Mesiya, Christo” kandi ko adatandukanye na “Imana mu bantu, Emmanuweli, Umukiza, Uhoraho, Umwami w’amahoro”. Abazimiye n’abazimijwe ni bihane bazimuruke kuko mw’izina rya YESU KRISTO hose n’ikuzimu amavi yose arapfukama [Abifilipi 2:9-11]