4/5 vy’Abarundi bafashwe n’ingwara zo mu mutwe.

Mu gihugu c’Uburundi zitegerezwa guhindura imirisho canke igihugu gicike akaburi k’abarwaye mu mutwe.

Mu 2022 ibiharuro vyakozwe n’ikigo kijejwe ivyigwa n’ibiharuro mu Burundi (ISTEBU) cashikirije yuko ibice birenga 53% vy’abarundi bagendana ubumuga bgo mu mutwe (maladies mentales). Uyu mwaka 2024, ikigo c’igihugu kijejwe ingwara ziguma mu bantu mugabo zitandukira (PNILMCNT) carakoze ubushakashatsi ku myaka 4 gisanga Abarundi ibice 80% canke 4/5 nibo basigaye bagendana ubumuga bg’ingwara zo mu mutwe; nk’uko vyaciye kuri Radio Televion y’igihugu (RTNB). Ibintu mu gihugu birakwiriye guhinduka vyihuse.

Kubera yuko ubumuga bgo mu mutwe butandukanye n’ubgo mu mubiri aho umuntu acumbagira, atarya canke ngo avuge, benshi ntibazi yuko ingwara zo mu mutwe zigisibije. Ariko murazi ivyaciye mu gihugu n’ibiriko biraba ubu. Abantu batari abahinga canke abavuzi b’ingwara zo mu mutwe na cane cane abatanezwe ineza y’abantu bivugira ngo ivyo bitigiri sivyo kuko biteye isoni.