Hariho abantu bakira, ababohoka kubera ukwumviriza indirimbo z’Imana. Abantu benshi barazikunda, bagakunda umudiho n’amajambo aba yaririmbge. Mugabo naho baba batumva amajambo indirimbo z’Imana ziguma ziryoshe. Twahisemwo rero kuza turabashikiriza indirimbo zaririmbge mu zindi ndimi kandi tukabahindurira amajambo azirimwo mu Kirundi kugira ngo mumenye ubutumwa zitanga. Ni ukugirango n’abaririmvyi b’Ihanga Ryera ry’Imana bigireho ubumenyi bgo kuririmba n’ukwandika indirimbo.
Uyu munsi tubashikiriza indirimbo z’Imana z’uwahora ari icamamare mu kuririmba indirimbo zo mw’isi hanyuma agakora ivyaha vyatumye apfungwa. Bamuciriye kumara mw’ibohero imyaka 30. Ubu rero yarakiriye Yesu Kristo amubera Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgiwe akaba yaririmvye indirimbo z’Imana zirimwo amajambo ahambaye tubashikiriza.
Uwo muririmvyi yitwa Robert Sylvester Kelly yavutse muri Nzero itariki 8 mu 1967. Azwi kw’izina rya R. Kelly. Ni Umunyamerika, yiyandikira indirimbo kandi akaziririmba. Yavukiye muri Chicago mu ntara ya Illinois akaba azwi cane kw’isi cokimwe na ba Michael Jackson, Whitney Houston, Mariah Carey, Celine Dion, Janet Jackson, Chris Brown, Usher, Luther Vandross n’abandi benshi.
Indirimbo ya mbere tugira tubashikirize yitwa: “YESU KIZA UBUGINGO BGANJE”. Tuyituye Abarundi bose bari mu mabohero ari mu gihugu cacu c’Uburundi, bige kuri aya majambo ari mur’iyi ndirimbo kandi abafashe. Iyi ndirimbo tuyituye kandi Umurundi wese ari mu bibazo, murazi yuko bitabuze, na cane cane abari mu ruvugo, mu ndyane no mu ruhamo. Amajambo ari mur’iyo n’aya:
Aha ndi ni mu mwonga w’igitutu c’isoni, nico gituma umutima wanje uhamagara izina rya Yesu Kristo ngo aze antabare.
Impade zose hari bihome binkikije bikaguma bivuga amakosa nakoze bibarira mutima wanje. Bimbonamwo umunyavyaha, ariko Yesu we ambonamwo umuhizi, ufise umutima uguma uhamagara umuco w’Umukiza.
Mu mwiheburo ntangere ndapfukama nkashikana amavi hasi, nkasenga ngo Umwami Yesu abohore umutima wanje, abohore mpwemu yanje.
Mu mwijima, imbabazi zawe ziramurikira, zikankurako ikimenyetso c’ivyaha nambitswe. Narapfapfanye ariko imbabazi zawe zingira umuntu.
“Yesu Kristo umukiza wanje subira ungire umuntu, ukize umutima wanje ndagusavye.
Mu bihuhusi no mu muriro, ni wewe vyizigiro vyanje, ni wewe bgihisho bganje, ni wewe mukiza wanje ukiza umutima wanje.
Erega ngaha mw’ibohero amajoro ni maremare, amosozi ni menshi, intuntu n’umubabaro ntibituma nsinzira, ariko ndumva ijwi ryawe ryiyoroheje kandi ryumvikana neza rinyongorera yuko unkunda, rirampumuriza rikampanagura amosozi.
Abantu bacira urubanza kahise kanje ariko weho usuzuma umutiwa wanje, ingene ntera imbere kandi nahindutse nkaba mfise intango nshasha.
Mur’iri bohero nahasanze ubuntu bgawe bganteye ivyizigiro. Ndakwihaye wese Mwami nyakira, ntiwemere yuko nsubira kurwa mu vyaha.
Ubuntu bgawe busumvya uburemere ivyaha nakoze muri kahise kanje. Yesu uri Umukiza wanje n’ivyizigiro vyanje.”
Hanga Ryera ry’Imana muremeshe umuntu wese ari mu bigeragezo, muremeshe abapfunzwe, muremeshe abahunze, muremeshe n’umutu wese ari mu ntambara zitandukanye, mubabarire yuko ugutabarwa gushitse. Mur’ibi bihe, twese tugume mu masengesho kuko ugutabarwa kuraje mw’izina rya Yesu Kristo, Amen!