Umunyembabazi Yesu Ntabara/R.Kelly

Indirimbo yitwa “UMUNYEMBABAZI YESU”
Iyi ni indirimbo y’ukwihana n’ugusenga. Icozana umuntu wese yagiriye abandi ibibi akigaya gushika aho yicuza ukuraha kugira ngo asenge asaba imbabazi kandi arahire yuko atagisubira mu kwiyegurira Imana. Iyi ndirimbo tuyituye umuntu wese ashaka gusubirana n’Imana. Itubere icigwa twese. Igira iti:
Jewe ubganje ndi uwa Yesu, nki kumavi nsaba imbabazi mukiza wanje umva ugutakamba kwanje. Nagendeye mu mwiza nkinisha umuriro none ubu ntaco maze, mwami ndakwirukiye.
Munyembabazi Yesu, mpamagaye izina ryawe, unyuhagize ubuntu bgawe, unkureko isoni. Nagerereye kure ariko ndaje kuko ndakeneye ukuboko kwawe kw’imbabazi, nkura hasi mukiza mfasha umpagurutse, ndapfukamitse amavi yanje, ntabara.
Munyembabazi Yesu, umutima wanje uri mu mubabaro ntangere kubera ivyaha nakoze, babarira ivyaha vyanje inkureko izi ngoyi, ndakuririye Mukiza, ndagupfukamiye.
Munyembabazi Yesu, ngirir’ikigongwe. Nirutse inyuma y’ubutunzi, inzhabu, niruka inyuma y’ibinezera, nirengagiza ukuri, nibera mu kinyoma ntakaza ubgenge, ubgibone bumpuma amaso bituma mbabaza benshi, nteza amarira none ubu ibihome vy’ibohero biranshinyagurira binyibutsa umubabaro nateje abantu.
Mukiza ndoroshe, narataye inzira ariko uyu munsi ndizeye ubuntu bgawe butangaje. Mwami akira umutima wanje, kiza ibisebe vyanje, ndongorera muhira ukoresheje inyenyeri.
Munyembabazi Yesu, ngirira imbabazi. Kur’abo nakomerekeje, ndihanye kandi ndarahiye sinzosubira. Uburemere bg’ukwicuza burarenze ukwihangana. Mu nzozi, nguma mbona amashusho y’abo nagiriye nabi, numva amajwi yabo Akoma induru mu gacerere.
Nkurako uko kwicuza, ntabara uyu mubabaro, mpa ayandi mahirwe yo gukora neza. Si ncishima, si nkiri impumyi, ndiko ndakurondera Mukiza wanje kuko wewe ni wewe mahoro yanje. Imbabazi zawe zitemba nk’uruzi rw’agakiza, kiza umutima wanje, ushitse indoto zanje, imbabazi zawe ni ndende kandi ziragutse. Uri Umwungere wanje nanje ndi intama yawe, mfata ukuboko unyobore, Munyembabazi Yesu negamiye wewe.