
Abarundi baribaza yuko hariho ikigira kibe, hakaba n’abandi bagirango ngo ntakizoba ubutegetsi bgarikomeje. Reka tubahe inyishu: Hariho impinduka zigira zibe mu gihugu cacu no mu karere kubera umugambi w’Imana.
Twebge nk’Ihanga Ryera ry’Imana, n’ibanga tumaranye imyaka 50 yuko Imana izokwururukira akarere k’ibiyaha binini kugira ngo ihagarike neza ihanga ry’Abarundi kuko ari ihanga ryatoranijwe n’Imana. Ivyo vyose mwumva mu karere ahanini bitumbereye igihugu c’Uburundi kuko Uhoraho Imana agira akubite, ahindukize yongere akubite, akubure, ayungurure hanyuma ashitse isezerano ku gihugu c’Uburundi. Ni ku neza y’Abarundi bose.
Abasomye ibitabo vy’Ihanga Ryera, abumvirije Radio Isezerano Internationale – INZAMBA Y’ISEZERANO na Radiyo Kuro-IJWI RY’ABERA, abo baratahura. Haheze imyaka icumi ayo makuru asamirana, kandi abarundi bari hirya no hino kw’isi n’abari mu gihugu hagati benshi barabihishuriwe. Abantu basamajwe n’abagiye bagotomera inyigisho z’ibinyoma, zatumye bamwe bariyimika, abandi bagahakana imburi n’ubuhanuzi kubera amajambo y’imburakimazi.
Ikiba kigira kibe kuko ni Urutonde rw’Imana ruriko rutashitswa nk’uko twagumye tubisemerera. (1) Ni nde atazi yuko Abarundi ari ihanga ryatoranijwe n’Imana? (2) Ni nde atazi yuko ingoma zose zaciye i Burundi (Abami n’aba Presidents) bananiwe gutunganya neza igihugu c’Uburundi? (3) Ni nde atazi yuko mu gihugu c’Uburundi hagire haze ingoma y’Imana? Ni nde atazi uko bitegekenijwe kugenda? Uwutabitegera ni yitonde asome ivyaciye kuri http://www.abisezerano.com canke aje muri groupe ya whatsapp y’IHANGA RYERA akurikirane amakuru y’ijuru: https://chat.whatsapp.com/Fwcqlobiido3BwMrD75CtG
Ikiba kigira kibe mu gihugu c’Uburundi kuko ntigisiba. Duhamagarira Umurundi wese kwihana ivyaha, ukwezwa mu mutima wiwe no mu ngeso, n’ukwizera iri jambo ry’Imana kugira ngo akire inkota ya ba RUBURAKIGONGWE. Uwufise impwemu y’amacakubiri y’ubgoko, uwufise ibiheko n’uburozi, uwubesha ngo arasenga Uhoraho Imana kandi ari ubgiyorobetsi; abo barapfa ntagisivya. Nico gituma tuguma dusemerera. Urukiza rw’Abarundi ruri i Burundi nyene. Ufise ico ubaza twandikire kuri ihangaryeraryimana@gmail.com
Winjire no muri chaine ya WhatsApp harimwo amakuru y’isi yose: https://whatsapp.com/channel/0029VaxCbw5D38CWzmTL7s37