Amasezerano y’igihugu c’Uburundi n’ukuri kandi agiye gusohora.

Abantu bose bagiye kubona yuko ivyavugishijwe ku gihugu c’Uburundi bigiye gushika. Kimwe mu bintu vyerekana yuko abizera ayo masezerano harimwo abo satani ariko arakubagura mu kubasukamwo urwanko, bariko baraterana amajambo mu mu kwifata amajwi no kuyakwiragiza canke mu kwandagazanya ku mbuga.

Abo bitangaje yuko biyimitse mu majwi canke mu gutunganya ibirori, Abo batunga urutoke uyu canke uriya kuko yizera amasezerano, ni basigeho batekane bareke kuryana, gutukana no gucokorana nk’abungere ku gasozi.

Ubu carico gihe c’uko abantu bose basenga, bohuza umutima n’inama, bagaca bugufi bagasenga kugira ngo bashobore kwigisha no kuremesha abizera mu bumwe n’urukundo.

Abo twumva ba Lambert Muhimpundu, ba Jean Bosco Barakamfitiye, ba Nicolas Niyonizigiye n’abandi baguma baterinduru mu bantu ni bahagarike amajambo basenge Imana baciye bugufi kuko Imana mucarubanza igiye kwerekana Dawidi uwariwe.