
« Urwanda rushaka gutere Bujumbura ruciye muri RDC , nanje nzoca ntera Kigali nciye mu Kirundo hafi.» Mjr General Evariste Ndayishimiye.
Uburundi buragabisha ko buzivuna bwivuye inyuma ku bitero ivyo ari vyo vyose vyoza biturutse mu gihugu c’Urwanda.
Mu kiganiro yahaye BBC, Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko Urwanda, gutegura gutera Uburundi ruciye muri Congo, ari ukwihenda.
« Turazi ko Urwanda ruriko ruragerageza kudutera ruciye ku butaka bwa Republika ya Demokrasi ya Congo, rubicishije ku muhari Red- Tabara. Ariko twebwe tubabwira ko ni baba bashaka gutera Bujumbura baciye muri Congo natwe Kigali si kure duciye mu Kirundo, » uko ni ko prezida Evariste Ndayishimiye avuga.
Umuvugizi wa reta y’Urwanda Yolande Makolo avuga ko atangazwa n’iyo mvugo ya Perezida Evariste Ndayishimiye.