Abahenzwe ngo abazungu baje kubagurira amatongo babubakire amasengero.

Ubukene buri mu bantu benshi hano mu gihugu iwacu bgatumye hariho abitwa abakozi b’Imana bahemuka.

Hariho nk’umukozi yatumwe kurondera dossier y’ishengero bamuha ibikenewe vyose, bamuha n’amabanga mugabo aramunanira kubera yananiwe kugendera ku rutonde rw’ishengero, baca baramushimira.

None akoresha photocopie y’iryo shengero akabesha abantu ngo niwe Represent Legal nayo shwi. Mbere asigaye akorana n’abandi batekamutwe bazanye abazungu kubereka i Burundi, begeranya abanyabicaniro n’abo mu madini atandukanye bababesha ngo ni abazungu baje kubagurira ama parcels hanyuma babubakire amashengero nayo shwi.

Uwo ari i Burundi yiyita Represent Legal arubahuka akavuga ngo abarongoye ishengero ry’ukuri ngo ni “Aba Escrots” uwo yavuye muri America nawe akita bene ishengero ngo “Barya ntiduhuje ukwizera”. Ivyo vyose babikora kubera impwemu y’ubusuma n’ubgibone gusa.

Abantu nkabo n’abo gusengera kugira ngo Uhoraho Imana abatabare canke ubugombe bgayo bubashikeko. Aya masezerano y’Imana agire ashike ku gihugu, agire yerekane ubgambure bg’abigira abakozi b’Imana kandi ari amabingira.