« URUTONDE RW’URUGAMBA » Intaha ihambaye.

URUTONDE RW’URUGAMBA
Urutonde rw’urugamba ni inzira yo gutsimbataza amahoro biciye mu kunesha ibiturusha, bikatubabaza mbere bigahava bikatugira imbohe, iyo bitadutwaye ubuzima. Ni ukurwana n’ubushobozi bg’imbaraga zikorera mu bantu ariko atar’iz’abantu. Ubgo bushobozi butororokana nk’amama y’imvura acika utugezi tuva mu misozi tukavamwo inzuzi, za nzuzi zikaba ikiyaga. Ikiyaga si ikiziba kandi ikiyaga si iriba. Nta n’umwe adakunda amahoro n’umutekano wiwe mugabo birafise ikiguzi. Birasaba yuko mur’utwo tugezi habibgamwo imbuto y’amahoro kandi urwo ni urugamba.
Urutonde rw’urugamba ni icegeranyo c’amakuru yose yerekana uburongozi bg’intwari mu ntambara n’abatonda urugamba bose ingene batunganijwe. Urwo rutonde rurerekana ubuhinga bgo kurwana intambara bivanye n’aho urugamba ruherereye, ubgoko bg’igisirikare kiriko kirarurwana, umwansi uwariwe n’ukwangana, hamwe n’ibirwanisho bikenewe. Nya rutonde nirwo rutuma abagaba b’ingabo batunganya neza abahizi barongoye, bagafata ingingo zikwiriye zo kwisunga, n’ubuhinga bujanye n’ibihe.
Mur’iki gihe igitigiri kinini c’abantu berekana ibimenyetso vy’amagara make yo mu mutwe no mu mubiri, imico n’imigenzo y’abantu ikaba yarononekaye; gutonda urugamba nico conyene gisigaye kugira ngo tugarurire ibintu hafi. Ni urugamba rwa minsi yose rwo kurwanya ikibi kuko ihanga ryacu rikeneye gukira. Ryokir’ikibi mu mitima, amagara meza agaseruka ku mubiri. N’urwo ni urugamba.
Ijambo intambara urivuze, hariho abavuga yuko ribahahamura, baryanka kuko intambara zabatwaye benshi, abandi zibasigamwo n’imvune. Ico twomenya, ntiharuhisha intambara, haruhisha imitima iziteza, hakaruhisha n’imitima izemera. Ikintu cose kikugenza ingene ucakiriye. Abantu ntibahitanwa n’intambara, bahitanwa n’ikibi kiri mu bantu banka kuzirwana. Intambara ubgazo nta mutima n’ubgenge zifise. Nta n’ibirwanisho zigira, vyose bifiswe n’abantu. Unashima, iminsi yose urwana mutima wawe, mu mubiri, mu bgenge, mu muryango, mu kazi, mu rusengero no mu gihugu. Hariho n’abo bgira bakaganya hageze kuja kuryama, uburiri bukababera urubuga rw’intambara bakarara badasinziriye, basinzira naho nyene bakaniganira no mw’itiro. Aho uja hose uhasanga intambara.
Benshi bagerageza kuronderera umuti canke amahoro aho atari. Bakaronderera ikibi aho kitari, amagorwa aho kurangira akiyongera. Abaneshejwe mu ntambara usanga birukira gukorera ikibi abandi bakavyita ukwikingira n’ukwirwanira. Ivyo nivyo biranga uwagizwe imbohe y’intambara arindiriye ca gihano gisumba ibindi vyose. Abo tubona birukira mu kaborerwe k’inzoga n’ibiyovyabgenge, mu busambanyi bg’ishano, mu busuma, mu karenganyo, mu rwanko, mu bgicanyi, no mu bapfumu n’abarozi ntimwibaze ngo n’uko bari gito gusumba abandi bose. N’uko barashwe umwampi w’ubudago babura gitabara. Hariho n’abirukira ku Mana, bakisuka mu madini n’amasengero, ariko bagasangayo inzoka z’imamba zikabakomora. Hari n’abasangayo intambge bakibaza yuko ari intama, zikabatabagura. Abo bose baca bicuza ico bavukiye. Urumva ayo magorwa! Bararushe bararemerwa n’imiruho y’intambara z’ubuzima bisanga bahanganye n’ibigatanya ku rugamba. Bakeneye gitabara. Abo bose baba bariko baratabaza ngo bagarukirwe. Benshi bahereza kwiroha bakigirira nabi canke bakisuka mu kibi kikabahitana n’iminsi yabo itari bgagere kuko baneshejwe.
Aha naho mwumva tuvuga ivyo umubiri, bifatanye n’ivy’impwemu kuko umuntu wese kuva ku mwana gushika ku wukuze agizwe n’umubiri, umushaha n’impwemu. Mur’aka gatabo, tubasangiza intahe yerekana uko umuntu wese yoza tugatonda urugamba kugira ngo tunesh’intambara. Intambara zose duhura nazo, zitangurira mu mpwemu, uwutsinda agatsindirayo n’uwutsindwa akagwayo. Ziza guseruka mu mubiri urubanza rwaracitse. Mw’ihanga ryacu, abanyazwe ubutwari aho botabaye kandi babishoboye bacika abarorerezi, abatamitswe uburozi nabo usanga babaye abakokezi. Ukuri kukabura uwukuvuga n’uwuguhagararira, bose bakakurenza amaso.
Mu ntambara zose zibaho munsi y’izuba, ukuri nikwo kubanza kwicwa (La vérité est la première victime de la guerre) hanyuma bakagukuriza abantu. Naho bir’uko, kuragaruka akaba ariko kunesha intambara. Uwuza kurwana intambara nziza abanza gukingira ukuri akakubungabunga kandi akakugendera naho abantu bose bomuhunga kuko birangira bamukunze.
Igihe kirageze co kwikangura tukavyuka kugira ngo twese tuje ku rutonde rw’urugamba duhabuze ivyo twanyazwe n’umwansi. Dutonde urugamba turwanire agateka kacu, turwanire ubuntu bgacu kuko ibirwanishwa bikwiriye turabifise nk’uko tuvyerekana ngaha, n’imvo zituma turwana zirakwiriye. Abavukanyi bacu ntiboguma bafatwa, bagirwa imbohe tubona tureze amaboko kandi twatsindiye kurwana intambara, iz’impwemu, iz’umutima n’izumubiri. Utonze urugamba wenyene, uba wiyahuye.
Mur’aka gatabu turerekana ibirwanisho vy’ukuri dufise n’ubuhinga bgo kunesha. Twakanditse twishimikije intahe iteye ubgoba mugabo y’ukuri. Gatangwa ku buntu, uwariwe wese atwandikiye turakakuronsa akakisomera ku mpapuro canke muri telefone yiwe ngendanwa: +257 68151545.