
IHANGA RY’ABARUNDI N’ABIZERA MWESE MUGABE.
Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA mu Burundi no mu mahanga, riramenyesheje Abera bose yuko hariho abariko bararogwa bagatako bakibishwa urwenge n’abasuma n’abambuzi babicishije mu migirwa n’imigenzo:
- Kubamijwa, kubanywesha no kubagurishako amazi bavuga yuko asengeye.
- Kubasiga, kubanywesha no kubagurishako amavuta bavuga yuko asengeye.
- Kubarisha, kubamija no kubagurishako umunyu bavuga yuko usengeye.
- Kubatererako no kubagurishako umusenyi bavuga yuko usengeye.
- Kubagurishako ama buji bita yuko ahezagiye.
- Kubambika no kubagurishako amakanzu bita yuko ahezagiye.
- Kubambika no kubagurishako ibikomo, imigifu n’impeta bita yuko bisengeye.
Babesha abantu yuko basengeye amazi canke amavuta bicika amaraso ya Yesu Kristo, bigahabga ubushobozi bg’amaraso yiwe yo gukinga uburozi, gukiza ingwara, kwuhagira imikoshi n’imivumo n’ibindi vyinshi.
Bavuga yuko basengeye umunyu, umusenyi, parfim, ama bougies, amakanzu, ibikomo, imigufu, inkoni, impeta n’ibindi bica bihabga ububasha budasanzwe bgo kubakingira, kubaha ivyo mwipfuza nk’ubutunzi, ubugeni, uruvyaro, n’ibindi vyose mwipfuza.
Ivyo birakwegeye abantu benshi mu buzimire no mukaga kuko uretse gusahurwa utwanyu, muca mugirwa abaja b’abadayimoni bakorera mur’ivyo bintu. Ni imigirwa y’igipfumu n’igipagani bazanye mw’ishengero ry’Imana kugira ngo bababohe.
Kizira kikaziririzwa kuzana ku bicaniro no mu masengero y’Abera ivyo bizira vy’ubuyobe. Ni ibikorwa biboha abizera bikabagira impfunya mu gakiza, ni urugi ruba rwugururiwe abadayimoni ngo binjire mu bugingo bganyu. Ababigendeyemwo, n’ababikora mu bihagarike mwihane, Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo arabaharira. Ni ibikorwa bititura ubushobozi buri mw’izina ryiwe.
Izina rya Yesu Kristo ni izina ry’ubushobozi ubgaryo, ni izina ridakeneye amazi, ridakeneye amavuta, ridakeneye, umusenyi, ridakeneye amakanzo, ridakeneye n’ama bougies canke ikindi cose kugira ngo ritabare. Soma [Abifilipi 2:9-11]
Ikigeretseko mur’abo basuma harimwo abiyitirira ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA bihaye amazina y’ivyubahiro nka Mukama, Musenyeri, Bishop, uwigitinyiro, Reverand n’ayandi. Bahinduye ingoro y’Imana akaguriro.
Mubonye abantu nk’abo bibisha urwenge kandi bagakora ibikogwa vy’igipagani mwihutire kubimenyesha uburongozi bukuru bg’IHANGA RY’IMANA kugira ngo abonona umurimo w’Imana bigishwe ukuri kwose. Mw’Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA mu gihugu c’Uburundi no mu mahanga mu bindi bihugu vyose ni rimwe rudende ritagaburwamwo ibice canke imigwi nk’uko tubisanga mu [Abanyefeso 4:5]
- Rifise Umwami n’Umukiza umwe gusa, Yesu Kristo.
- Rifise Ukwizera kumwe kw’ijambo ry’Uhoraho Imana,
- Rifise Umubatizo umwe mu mazi, mu maraso no mu muriro mw’izina rya Yesu Kristo.
Ibikorwa vyose bidahuye n’ubumwe n’uburongozi bg’Ihanga ry’Imana birarandurwa, abarozi, abasuma n’abambuzi bakirukanwa kumwe Kristo Yesu yabikoze i Yerusalemu mw’Ishengero [MATAYO 21:12-13].
Mwiyubare ntuhagire uwugwa mu mutego wa Satani, abadayimoni n’imigirwa y’abapagani ngo bongere basahirwe utwanyu. Yesu Kristo yatumye abizera gusengera abarwaye no gusenda abadayimoni, ababarira yuko mw’izina ryiwe ububasha babuherewe ubuntu bakwiriye kubutangira ubundi. [MATAYO 10:8].