
Umwami Yesu n’ashimwe! Umurundi wese aho ari mu gihugu cacu no mu mahanga, abizera Uhoraho Imana kandi bejejwe, asabge kw’ifatanya n’Ihanga ry’Imana mu masengesho dutanguye uyu munsi kuwa 20/11/2025 yo gusengera igihugu c’Uburundi. Dusenga tudomako ivyaha vyose bikorerwa mu gihugu cacu. Ni vyinshi kandi bitandukanye. Dusaba Imana itabare igihugu. Ivyo gusengera mu migani canke abandi bibesha ngo n’ugusengana ubgenge ni umutego wa satani. Iyo usenga, tomora neza ico ugomba, wimurure ibikorwa vy’umwijima, wimike inganji y’Uhoraho Imana. Tumirira abera bose aya masengesho y’inkomezi. Sengera mu cumba, sengera ku bicaniro, sengera mu masengero, sengera ku misozi n’ahandi hose. Koresha akanwa kawe mu gusengana intuntu n’umubabaro, twese dutabaze Uhoraho Imana mw’Izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo, Amen!