IGITABU: “Ibinyegurure n’ibinyegururwa vy’ibinyegezwa.”

Ibinyegurure n’ibinyegururwa vy’ibinyegezwa ni igitabu c’inyigisho zo mw’ishure rya Mariya na Toma, Sofiya na Filipo hamwe no kwigishwa na Henoki. Ni ibinyegurure vy’ibinyegezwa kuko iyo biba ibinyegururwa vyari kuba vyari vyanyegejwe hanyuma bikamurikwa bitari bisanzwe biriho. Ibi vyo vyari vyabanje kumurikwa bica biranyegezwa bibona kwitwa ibinyegururwa kuko vyari vyanyegejwe. Bavyitirira abihebeye uwo batazi n’abahamagawe n’uwutaboneka kuko badashaka kumenya yuko ari ivyabo. Nkako kuko n’abagerageje kuvyiga ngo babitahure mu bgenge bgabo babisohokamwo babivuyemwo akaba ari nabo bakokeza ngo n’ibinyegezwa. Usize inyuma urupfunguzo ntiwokwugurura inzu y’ubgenge. Urumva yuko utokwinjira mu cumba c’ubumenyi kuko ntako wohashika. Bugaranye abantu hanze, nabo nyene ntibinjira nka ya mbga iryamye mw’iriro ry’inka ikazibuza kurya kandi nayo idashobora ku birya.
Hatangura kubaho ibinyegezwa hanyuma hagakurikira ibinyegururwa ariko si ibinyegurure vy’ibinyegezwa kuko ibinyegezwa ntibiba vyabayeho. Haba habuze umuco umurika amabanga kugira ngo ahishurwe. Si n’ivyanyegejwe vyanyeguruwe ariko ni ibinyegezwa bitakiriho kuko vyose bisanzwe vyanyeguruwe. Ku ruhande rumwe vyerekeye kumenya no gutahura ivyo utari uzi ku binyegezwa vyerekeye intwaro z’ibihugu: Kurongora no kurongorwa, ku vyerekeye amata n’ubuki, ku vyerekeye umutobe (umuvinyu) n’amavuta. Kurundi ruhande ibinyegurure n’ibinyegururwa vyerekeye gutandukanya umuco n’umwijima, ugutandukananya ubumenyi n’amajambo, ugutandukanya urupfu n’ubugingo, impwemu n’umubiri, ugatandukanya ivu n’umwavu, n’amazi n’ibicu vy’imvura.
Ivyo bose bibaza yuko babizi kandi batahura kuko babibona iminsi ariko usanga banyegejwe ubumenyi bgavyo kiretse uwabihishuriwe gusa. Uwabimenye ntaba agishobora kugirira nabi abantu n’ibintu canke ngo yite ikibi iciza mukwambika izina ry’iciza ikibi. Uwabimenye aca asanga ategerezwa gukingira bose ubushobozi bg’ikibi mu gutunganiriza bose kuko aba yarasiwe n’umuco w’ukuri.
Ugutahura ibi bikumara ubgoba bikagutandukanya n’ibinyoma hagasigara ubgenge, umwijima ugasubirizwa n’ubumenyi, ubuhinga nabgo bugasubirira guhwihwisha.
Hariho amazina y’ibintu, iki gitabu cerekana kigatomora akamaro ko kubitahura mu gutegeka igihugu n’abantu. Ivyo nivyo amashirahamwe yo mw’ibanga aganza isi hamwe n’amadini n’amashengero anyegeza abantu. Ivyo navyo ni Ukuri, Umuco, Umwijima, Ibanga, Ukutamenya, Umwidegemvyo, Ubumenyi, Urukundo, Ubuzima, Umubiri, Ibinyegezwa, Ikinyoma, Ubgenge, Ukwerekwa, Urupfu, Ubgoba, Amazi, Umuriro, imbuto, Ubutunzi, Ubgami n’ibindi.
Abantu ntibashobora kubaho neza batazi ukuri banyegejwe. Uwugendera mu mwijima akeneye kudomekerwa itara, nayo ahandi arutwa n’uwuba yashizwe mw’ibohero akabuzwa umwidegemvyo. Waranyegejwe ukuri n’ubgenge canke waravyiyatse, uba wiyatse umwidegemvyo ugacika umucakara n’umugurano w’ivyo ufitiye inkomezi zo kuganza. Ntushobora gutunga ngo utunganirwe warateye umugongo ubumenyi n’ukuri. N’iyo ufise ubutunzi udafise ukuri, uraryama ntusinzire, uvyutse ukabura amahoro, vyose ugasanga n’ubusa gusa. Ukuri nikwo bumenyi, ni umuco mu mw’ijima, kumeze nk’urupfunguzo rutuma wugurura urugi ukinjira munzu. Munzu naho ni munzu nyene hatandukanye no hanze. Iyo uzi ukuri, ntakigutera ubgoba, ugira amahoro aho uri hose n’ivyo urimwo kuko umenya amaherezo y’ikintu cose. Abazi ukuri nibo bakwiriye kuba abasuku b’abandi kugira ngo babereke inzira ishika. Ariko siko bimeze kuko abantu banyegejwe ukuri kugira ngo bagirwe abaja. Igihe kirageze co kubivamwo, ikintu cose kije mu mwanya waco. Uwufise amatwi yo kwumva ni yumve kandi atahure.
Iki gitabu kirimwo inyigisho Abarundi dukeneye muvya politike n’ubutunzi, imibano n’ubutungane, ukubaho neza mu magara yo mu mubiri no mu mutwe, no mu mico n’imigenzo yodushikana aho twipfuza gushika.