
🚨💥🔥🔴Freddy SABUSHIMIKE yitazira Bishopu agatera ubgoba abantu ngo ni umu komosiyoneri w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yafashwe n’igipolisi c’Uburundi ajanwa gusinyishwa urubanza Sentare Nkuru ya MUHA yamuciriye. ⚖️💥✍🏾
🔴Yigira intumwa y’abategetsi, akambara ikaruvati kandi akaguma yinjira mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amashengero n’amashirahamwe, atwaye impapuro z’amahendu agahindura amazina y’amashengero, amategeko ayagenga n’abarongozi bazwi ku ngurire nini.
🔴Hariho n’Abarundi bari hanze benshi yemereye kwemeresha amashiramwe akabacira nk’uwugura ubusho kandi ntibaronke vyangombga. Ikibabaje cane amanyanga yose akora ayitirira umukuru w’igihugu n’abategetsi bakuru.
🔴Sentare Nkuru ya Muha yaciriye Freddy SABUSHIMIKE gupfungwa umunyororo w’imyaka itanu n’ihadabu y’ibihumbi ijana ku vyaha vyo guhimba impapuro za magendu no kuzikoresha. Yaciye arahira ararengwa yuko atazotera igikumu, atera ubgoba n’abacamanza yuko bamuvugishije azohamagara umukuru w’igihugu abakure! Mugabo iminsi y’igisuma ni 40, igipolisi camushikanyeyo uyu munsi.
🔴Hariho abantu biyita abakozi b’Imana mu Burundi basiga iceyi abarongozi b’inzego z’igihugu bitwaje uburiganya, ibiturire n’amanyama. Bakwiriye kubibazwa bakabihanirwa nka Feddy SABUSHIMIKE kuko babiba imbuto mbi mu bantu.🇧🇮💥🫵🏾✍🏾