Freddy Sabushimike yiyita Bishopu yafashwe n’igipolisi ajanwa gusomerwa ivyavuye mu ntahe y’icese.

🚨💥🔥🔴Freddy SABUSHIMIKE yitazira Bishopu agatera ubgoba abantu ngo ni umu komisiyoneri w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yafashwe n’igipolisi c’Uburundi ajanwa gusinyishwa urubanza Sentare Nkuru ya MUHA yamuciriye. ⚖️💥✍🏾

🔴Yigira intumwa y’abategetsi, akambara ikaruvati kandi akaguma yinjira mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amashengero n’amashirahamwe, atwaye impapuro z’amagendu agahindura amazina y’amashengero, amategeko ayagenga n’abarongozi bazwi ku ngurire nini. Akarorero Freddy SABUSHIMIKE yahinduye «Église de Jésus Christ» arigira «Communauté des églises », ahindura amategeko n’inzego maze yigira Représentant Légal ata n’umwe muri ben’ishengero abiciye ikanda.
🔴Hariho n’Abarundi bari hanze benshi yemereye kwemeresha amashiramwe akabacira nk’uwugura ubusho kandi ntibaronke vyangombga. Ikibabaje cane amanyanga yose akora ayitirira Umukuru w’Igihugu n’abategetsi bakuru.
🔴Sentare Nkuru ya Muha yaciriye Freddy SABUSHIMIKE gupfungwa umunyororo w’imyaka itanu n’ihadabu y’ibihumbi ijana ku vyaha vyo guhimba impapuro za magendu no kuzikoresha. Yaciye arahira ararengwa yuko atazotera igikumu, atera ubgoba n’abacamanza yuko bamuvugishije azohamagara Umukuru w’Igihugu abakure! Mugabo iminsi y’igisuma ni 40, igipolisi c’Uburundi kiri maso camushikanyeyo uyu munsi igenekerezo rya 28/01/2026.
🔴Hariho abantu biyita abakozi b’Imana mu Burundi batukisha izina ry’Imana, bagasiga iceyi abarongozi b’inzego z’Igihugu bitwaje uburiganya, ibiturire n’amanyama. Bakwiriye kubibazwa bakabihanirwa nka Freddy SABUSHIMIKE kuko babiba imbuto mbi mu bantu.🇧🇮💥🫵🏾✍🏾

Laisser un commentaire