
TURWANE URUGAMBA N’ABATUKISHA IZINA RY’UHORAHO IMANA MU BURUNDI
Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA, ni umugambi w’Imana ku gihugu c’Uburundi, mu karere no kw’isi. Ni ishengero ryahagurukijwe kurwanya icaha atari mu majambo n’amasengesho gusa mugabo mu mpwemu, mu mubiri no mu butungane. Ntituzihanganira abasuma, abambuzi, abarozi, abasambanyi n’inkozi z’ikibi zinyegeza mu madini n’amashengero yitirirwa izina ry’Uhorano Imana kugira ngo batukishe izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
Ubu Hariho abantu biyita aba bishop, aba Reverand n’ayandi mazina y’ivyubahiro bagize imigwi y’abasuma n’abambuzi bakoresheje uruyeri, binyegeza mu nani z’amashengero bakazirura ibizira vy’ivyaha bagatukisha izina ry’ Uhoraho Imana. Biyita abakizwa n’abarongozi mugabo ukabasanga banywa umuruturutu, fangasi, n’ibindi biboreza bituma bagakora ivy’ubuhumbu. Ntibatinya kwiba, kubesha, gukoresha impapuro za magendu no kurenganya abantu babatera ubgoba ngo bishikira hose. Abo ni inkozi z’ikibi mu zindi kandi zihanwa n’amategeko y’igihugu.
Uhoraho Imana yarahagurukije ba Mose, ba Aaroni, ba Yoshuwa, ba Kalebu, ba Deborah na ba Pawulo kugira ngo bahagararire ukuri kwose kw’Ijambo ry’Imana mu Burundi. Abo bavugana ubutumwa ivyaha bibitangira imbere basuka impwemu zihumanye ziri muribo mu mashengero basa n’abaja ikuzimu kurondera ubushobozi. Mu gisagara ca Bujumbura twaratanguye. Hari abo twasengeye, tubagisha inama, turabahanura baranka hanyuma tukabashengeza imbere y’amategeko kandi tuzobandanya no mu gihugu cose kuko tubifitiye uburenganzira duhabga n’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’igihugu. Abana b’Imana ntimukemere gusahurwa, guterwa ubgoba no guhohoterwa n’intakebga mu mitima zikubagurwa n’impwemu zihumanye maze zigatukisha umurimo w’Imana. Abo bakozi b’Imana bahemutse, baraziruye ibizira, basambanira bakaroganira mu mashengero, bakavanga ivya satani n’ivy’Imana yacu ku mugaragaro. Abo bari mu batevya Amasezerano Imana yaraganiye igihugu cacu c’Uburundi. Uko Uhoraho yavuze yuko atazobihanganira, natwe ntituzobihanganira. Ni mwabona uwiyita umukozi w’Imana wo mw’ishengero canke idini iryariryo ryose, naho yoba uwiyitirira Umwami wacu Yesu Kristo agenda uko bitabereye, ukaba ubifitiye ivyemezo: Amafoto, amajwi n’ivyabona bitatu; twakure kugira ngo tumusengere twongere tumuhanure yanse tumushengeze kugira ngo bareke gutukisha izina ry’Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera. Izina ry’Umwami Yesu Kristo ryamamare! Andikira IHANGA RY’IMANA kuri: ihangaryimana@gmail.com no kuri +257- 68151545 canke +1- 914 448-3650