Musome ijambo ry’Imana kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho z’ibinyoma.

MWIRINDE INYIGISHO Z’IBINYOMA ZIVUGA NGO NI MUJE AHA GUTEGERERAHO UMWAMI YESU KRISTO.

Uwo mugwi Mubona n’uw’abantu bafatiwe muri commune KIGAMBA, bose bava muntara ya Cibitoke muri commune Rugombo,bakavuga ko baje kurindiriraho umuzo w’umukama. Mukanya leta iza gukora igikorwa co kubasubiza iwabo.
Igihugu cacu kirageramiwe n’impwemu z’ubuzimire kuko si iryambere abantu badukwamwo n’inyigisho z’ibinyoma bamwe bagakurikira umuntu ngo ni icariho ca Yesu Kristo, abandi ngo Yesu Kristo ntabaho, abandi ngo bagiye gutegerera Yesu Kristo ku musozi uyu canke uriya, aba bakiyimika, bariya bakizera ibintazi.
Aba malayika baremesha intumwa bavuze yuko uko Kristo Yesu agiye mw’ijuru kandi yuko ariko azogaruka [Ivyakozwe n’intumwa 1:11]
Igihe co kugaruka kwiwe ntazoza mw’ibanga nkuko bamwe babivuga ngo bazokwumva inzamba yo mw’ibanga, izo ni inyigisho zazanywe n’amadini. Igihe co kugaruka kwiwe amaso yose azomubona yururutse kubicu. [ Ivyahishuriwe Yohana 1:7] Azoba yitwikiriye icubahiro ciwe cose c’ubu-Mana [ Matayo 25:31]
Abo bantu bose bakomeza kuguma bajuragizwa n’inyigisho z’amadini n’abandi bigisha b’ibinyoma, ni bame basoma ijambo ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya Yera kandi basabe guhishurirwa na Mpwemu w’Imana kugira ngo bareke kuzimizwa n’abantu. Kugira ngo bamenye uko Uhoraho Imana azogaruka [Tuto 2:13] Azoza mu cubahiro giteye ubgoba.

Burundi: Amapfa mu gihugu gushika naho abantu bicwa n’inzara, ni mukovye gusenga.

Inzara n’amapfa ni kimwe mu bimenyetso vyavugishijjwe ku banyamasengesho yuko bizobaho imbere yuko abarundi bogorora bakaba mu gihugu c’isezerano.

Abantu bose baba ngaha mu gohugu c’Uburundi barazi yuko imfungurwa za kenye ibintu bikazimba. Bamwe bavuga yuko vyavuye kw’isekeza ryo gutema ibiti ( imikaratusi n’amashamba) vyatumye imvura ibura mu gihugu. Abandi bagira bati ni itunganywa rike vy’ibisata vy’ubumenyi. Ico bose bahuriyeko n’uko babona yuko hariho inzara mu gihugu c’uburundi.

Hari uwiyumviriye ari mweho muharurira gute iminsi 30 yo kubaho ku badafise imishahara canke abafise imishahara ibayabaye. Yagize ati:” Mbega mweho mubigenza gute muri 30jrs zigize ukwezi ngo zihere?
Aha twibajije kubofungura ibitarenga 1kg. Ufise beshi Aho?

1kg c’umuceri wamake 3250fr×30jrs=97500fr

1kg c’ifu y’ibigori 2500fr×30jrs=75000fr

1kg ibiharage 2400fr×30jrs=72000fr

5L z’amavuta 23000fr

1kg umunyu= 1200fr

Isabuni za 500fr
Igitunguru 50fr×30jrs=15000fr

Irengarenga za 500fr par jrs ×30jrs =15000fr

Itomati zagasosi, 200fr×30jrs=6000fr

Amakara 2000fr×30jrs= 60.000fr
Total 426.200fr bu
👆🏽 Ubwo ni ubuzima buto dufatiyeko ibirungo ntubimbaze kuko yoca aba meshi.

Ubona uzokwiza kuri hamwe witeze?
Reka rero nkwingige, 🧎🏻‍♂️ senga Imana itange invura turime twimbure ibintu vyoye kuduga uku tubibona. Kuko Aho tumwe tundi twankenerwa, ntatwo twavuze.
Mana tugirire ikigorwe.

Ivyo abantu bita pokitike y’igihugu ntibikwiriye vyonyene harakwiriye kwicara bakamenya ivyo bashaka.

Akarorero kamwe muri twinshi mu biriko birabera mu ngo nu gihugu cacu aho abantu biyahura ku rugero runini abandi bakica abo bubakanye ku buryo buteye ubgoba.

Nguku uko uko uwanditse uru rubanza yiyumvira:

Yicishije amenyo umukenyezi wiwe !

Sentare Nkuru ya Makamba yashashe mu ntahe y’ikibiriraho ku wa mbere (20.11.2022), iraheza icira umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwose uwitwa Ernest Ndayitabariye ava ku mutumba wa Sampeke muri komine Kayogoro. Ernest yagirijwe ko yishe umukenyezi wiwe mw’ijoro ry’uwa 18.11.2022. uburyo yamwishemwo burarengeye ubwenge bw’umuntu : yamwicishije amenyo yamushinze mu muhogo !

Mu ngo z’abarundi hasigaye hari urugero rw’ubwicanyi rudatahuritse. Abatwara igihugu, abarongoye amashengero, amashirahamwe yigenga, abahinga muri za kaminuza mu vyigwa vy’imibano (sociologie) n’inyifato (psychologie) barakwiriye kuja hamwe bagatanguza umugambi udasanzwe werekeye ingo. Abagabo barica abagore babo, abagore barica abagabo babo ku rugero rutari rwigere ruboneka mu gihugu. Kandi bicana nabi cane. Biva kuki ? Hahindutse iki ? Habuze iki ? Vyokingwa gute ? Mbega no hanze y’Uburundi, ingo z’abarundi zoba zisigaye zimeze gutyo canke bibera mu Burundi gusa ?

Burira anti-Kristo yuko igihe ciwe mu burundi kirangiye.

MWIGISHE ABO BAVUGA YUKO KRISTO BATAMWEMERA BAZIMURUKE KUKO BARASUTSWE NA SATANI

“Nico gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma.” 2 ABITESALONIKE 2:11
Aho rero ko tuguma tubahanura ntibumve, Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, azoca abarungikira ubuzimire bubagumenwo gushika baciriwe kw’iteka. Ni mwitandujanye n’abo bigisha b’ibinyoma n’inyigisho zabo zose.
Abo ni ba Anti-Kristo bavyemera canke batavyemera baragowe kuko Kristo ni Mesiya, ni Uhoraho. Abo nabo bisobetse mw’Ihanga ryacu ry’Abarundi bavuga KRISTO MESIYA UHORAHO nabi bagiye kuranduka ntibazo mu masezerabo y’Abejejwe.
Yesu Kristo yamamare, Amen!

Uze wiyubare ni wibonako ibi bimenyetso bikurikira kuko n’ivy’impfunya mu gakiza.

IBIMENYETSO WOKWIBONAKO UGACA UMENYA YUKO WATEWE KUKO BITANGURIRA UGUPFUNYWA MU MPWEMU.

Uriyubara igihe uzibonako bino bimenyetso mu buzima bwawe.

  1. Uzobe maso igihe gusenga Imana bihindutse ikintu kigoye kuri wewe.
  2. Uzobe maso mu gihe kwisonzesha bibaye umugani mu nteguro zawe mu vya Mpwemu.
  3. Uragaba igihe wumva utakinezerwa n’ugusoma ijambo ry’Imana.
  4. Uragaba igihe gukora ibikorwa vy’Imana bikubereye umutwaro ukomeye aho kukubera umuhezagiro.
  5. Uzobe maso igihe uzumva kubaho wejejwe bigutera kwumva uri nko mw’ibohero.
  6. Uragaba igihe uzumva kwibanira n’abatazi Imana ari ikintu c’igiciro muri wewe.
  7. Uraba maso igihe uzumva ufise inzara n’inyota yo kwibera mu bidahimbara Imana.
  8. Uragaba igihe uzobona kuvyuka gusenga mw’ijoro bibaye umugani mu rugo ubamwo.
  9. Uraba maso muvukanyi igihe uzumva udakeneye Umwami Yesu n’umusi umwe gusa ukikenerera ibindi.
  10. Uzobe maso igihe uzumva ukeneye kurya kenshi kuruta incuro usenga.
  11. Uragaba igihe uzoba utagisangira n’abandi imirongo y’Ijambo ry’Imana.
  12. Murabe maso igihe muzovuga ubutumwa mushaka kweyegeranirizako abantu gusa.
  13. Muragabe igihe mumara umwanya munini kuri facebook,whatsap,tweeter n’izindi mbuga ngurukanabumenyi.Izi mbuga zabaye nk’ibigirwamana umwansi Satani akoresha kandi kuri benshi zatwaye ikibanza Imana.
  14. Uraba maso igihe ubutumwa nk’ubu bukurambira gusoma,ariko inkuru zisetsa,iz’ibiterasoni zikakuryohera gusoma.
    Murabere maso ibi vyose bene Data bakundwa.Tube maso kuko Satani we ntasinziriye.

Twitegure Yesu Kristo agiye kuza kujana abiteguye. Anti-Kristo n’imburabgenge yahenze bamaramare.

UMAMI N’UMUKIZA YESU KRISTO YAMAMARE!

Musengere ico mwasezeraniwe kandi muzimurure abazimiye barwanya izina rya Yesu Kristo Uhoraho.

MUSENGERE AMASEZERANO TWAHAWE KANDI MUZIMURURE ABAZIMIYE BARWANYA IZINA RYA YESU KRISTO UHORAHO KANDI BARYINYEGEJEMWO

Hariho abantu mu Burundi bakubagurwa n’impwemu zihumanye. Kandi ntizitinya kwiyitirira izina ryiza ry’Uhoraho mugabo zikazira mbere zikaziririza mu kurwanya zivuye inyuma izina riruta ayandi mazina yose. Izina rya YESU KRISTO atarindi zina ryo gukirizwamwo [Abaroma 10:13], Izina indimi zose zitegerezwa kwatura n’amavi yose agapfukama [Abifilipi 2:9] mw’ijuru , kw’isi n’ibgina. Iryo zina satani, abadayimoni n’ibihweba vyabo kw’isi biryumvise birahungabana, bikadedemba mbere bakavuga aya muhe. Muhora mu bumva, murababona no ngaha ku mbuga kuko naho bari kurushi, ubushobozi buri muri iryo zina ry’Umwami, Umucunguzi YESU KRISTO ntibutuma batekana kuko rikiza abarwaye, rizura abapfuye, ripfugura ababoshwe rikana haza abashonje. Umuntu wese arushe n’uwuremerewe yirukire YESU KRISTO aramuruhura. [Matayo 11:28-30]
Abatamiye ku nyigisho za satani iyo ari ikuzimu n’intumwa yiwe iyo ibohewe mu mbobane rikuru ni muyogwe, murutswe kugira ngo mukire ubgo burozi mwariye bgo kurwanya izina rya YESU KRISTO kuko niwe ntango n’iherezo AlFA na OMEGA [Ivyahishuriwe Yohana 22:13]. Uwo YESU KRISTO niwe Mwami w’Amahoro, niwe Data wa twese, Uhoraho [ Yesaya 9:6] mugerageza kwiyitirira. Ni muzimurure abo bantu bazimizwa n’impwemu z’ubijora n’inyigisho z’ubupfu [Lambert Muhimpundu] bagaruke kuri YESU KRISTO arababohora kuko niwe kuri n’ibuye rigumya imfuruka [Yonana 8:32] Uwe niwe ashobora kubasomora akanabakiza izo ngoyi za satani barimwo. Barondere bose mubahe ubutumwa bgiza bga YESU KRISTO bakire, uwubuteye umugongo azoba ari ikivume [ 1Abikorinto 12:3] uwo muce mumwihorera.
UMWAMI N’UMUCUNGUZI YESU KRISTO YAMAMARE!

Ibintu indwi dutangarijwe iy’indwi.

IY’INDWI NI MEIYEZE MUSENGE KUGIRA NGO MWITEGURIRE KWAKIRA IVYASEZERANYWE.

Umuntu wese asuzume umutima wiwe, ibikorwa vyiwe n’imvugo ziwe. Asanze ata caha canke ijwi rimwagiriza ikibi aheze asenge ati : “Mana shitsa ivyo wadusezeraniye.” Uhoraho Imana irakunda abo yaremye kandi ibafitiye umugambi mwiza. Ico idusaba gusa ni ukwizera n’ukwezwa maze tukayisaba ivyiza yadusezeraniye.
Ngivyo ibintu indwi dutangarijwe muri iyo ndwi. Tubigendereze.
Umwami Yesu Kristo yamamare, Amen!

Iganuke ry’ijuru ry’iy’indwi ku barindiye amasezerano

UMVIRIZA IMIRINDI YO GUTABARWA Y’INGABO Z’IJURU ZIYOBOWE N’UMWAMI N’UMUCUNGUZI WACU YESU KRISTO

Ntuterwe ubgoba n’ivyo ubona, ivyowumva n’ivyiyumviro biteye ubgoba.
Ntuterwe ubgoba n’ubukene, inzara , amapfa , ingwara n’ibindi vyugarije imiryango.
Ntuterwe ubgoba n’intambara, uruvugo, ibimeze nk’imisozi n’ibitandara.
Mw’ijuru dufise Uhotaho Imana yumvise ugutakamba kwacu kandi amanukanywe no kudutabara.
Soma neza iryo ganuke ry’ijuru twarungikiwe ryo muri iy’indwi ukurikize kimwe cose maze dushime Imana Nyen’ingabo. Umwami Yesu Yamamare!

Mugire ubgenge mwirinde abasuma bo ku mbuga ngurukana majambo nka whatsapp, facebook..,

🔴 « Bambika ubusa abakenyezi bakaca babatera ubwoba kugira babibe amahera ».

Intahe y’umwe mu banyororo mu Burundi.

Inyuma y’inkuru twabahaye y’abasuma biba abantu baciye ku mbuga ngurukanabumenyi, bakiyita amazina y’abategetsi n’abandi bazwi, hari umunyororo yatwandikiye kugira aduhe intahe y’ivyo azi uko bikorwa. Uyu muntu yemeza ko ubwo busuma bukorwa canecane n’abanyororo mu mabohero akomakomeye, ko bakarira cane abakenyezi n’abigeme, kandi ko babikorana ari abantu benshi (en réseau).

🔴 Ubusuma bukorwa n’abanyororo

« Amahoro. Ku nkuru y’ubusuma bubera ku matelefone hamwe n’abiyitirira abantu, nagira ndabahe umuco. Vy’ukuri ababikora bari mu mabohero makurumakuru (prison centrale), birateye isoni. Bariba amahera kugera ku kanyuma. Jewe nanje ndapfunzwe kandi simbona icokorwa co kubihagarika atari kubimenyesha abantu benshi bashoboka. Canecane haribwa abakobwa n’abamama kandi ku rugero runini cane.

Abo basuma bafise ubuhinga bukomeye cane. Bafise amafoto y’imipaka itandukanye, bakaboneka bari mu mamodoka, mu maduka, mu ma company akomeye kugira bemeze abantu ko ivyo vyose ari ivyabo kandi ko bavuga ukuri. Bakoresha amanomero menshi ya telefone. Kuri WhatsApp ubasangana amanomero yo hanze, batuma uwuri hanze akabagurira carte sim, hanyuma bagishira iyo nomero muri WhatsApp, uwo hanze akabarungikira code, bikaba biraheze. Ariko hageze kubarungikira amahera, bakoresha inomero ndundi za ecocash na lumicash.

Hari naho bahenda abantu, canecane abakenyezi, ko bariko babugururira ama comptes mu mabanki ariko babikora ku buryo amahera yose aca aja kuri ecocash na lumicash. Ibanki bakorerako cane ni KCB kubera batiba abarundi gusa, bariba n’abari mu bindi bihugu nka Kenya, Tanzania na Congo. Barakoresha kandi na M-Pesa kugira bibe abari muri Kenya.

Bakorana mu runani rukomeye cane. Umwe arakubwira ko arungitse amahera, uwundi akigira umukozi wa banki, canke uwundi akigira umushoferi. Umwe arigira Olivier Buyoya, uwundi akigira uwo bakorana mu bushikiranganji bw’imigenderanire, umwe arigira Denise Nkurunziza uwundi akigira uwo bakorana ajejwe gukora dosiye y’abarondera akazi, umwe arigira Angeline Ndayubaha uwundi akigira uwujejwe kurungika imfashanyo no kwakira amahera ya dosiye, umwe arigira uwuriko atanga akazi muri Zambia uwundi akaba uwakira amahera y’abashaka kuja gukorayo, gutyo gutyo. Ikibanza cose bakubwiye baba bafise amafoto y’umuntu agihagazemwo.

Barashoboye kwigira abakozi ba Leta bo mu bisata bitandukanye, ugasanga ni abakozi ba OBR, abakozi ba PAFE, ni abapolisi, ni ba porokirere, ni ba buramatari, ni abakozi bo mu biro vy’Umukuru w’igihugu, kandi bagashobora no gutanga impapuro zijanye n’ubwo buzi bavuga. »

🔴 Abakenyezi barabangamiwe cane.

« Umurwi ubangamiwe cane ni abigeme n’abamama. Aha wohimiriza abakobwa babona abasore babasaba ubugenzi kuri Facebook, hanyuma bakaca babasaba WhatsApp, bahagabire cane. WhatsApp z’aba basuma usanga ari izo mu bihugu bitandukanye kandi biryamiye mw’ibohero mu Mpimba, i Ngozi, mu Ruyigi, i Gitega, i Muyinga. Umukobwa baramuresha, bakanigira abantu bakijijwe canke bubaha Imana, bakumurungikira amafoto meza y’abagabo batunze, nawe akaja narwo ngo aronse umugabo. Ubucuti buragera kure kugeza aho mupanga imanza zo gukwa n’ubugeni. Bakubonye ufise amahera menshi, nk’uwuri muri Omani canke Arabia Saoudite, baraguteza umutwe wo kugura ikibanza co kwubaka, canke guheraheza inzu yanyu y’ubugeni, baraguhenda bakwugururiza compte muri banki ariko amahera akaja muri telefone zabo. Kubera basanzwe bakorana ari urunani runini, baraguhenda ngo uriko uvugana n’imiryango yabo, bakaguha abo bita abavyeyi n’abavukanyi babo, ukiyumva ukunzwe n’umuryango wose.

Umutego ukomeye abakenyezi n’abigeme barwamwo ni uwo kubarungikira amafoto n’ama vidéo bari gusa. Bashiki bacu barata impuzu, bakarungika ubwambure bwabo, bikarangira bibwe udufaranga twabo. Ivyo umaze kubikora baba bagufise neza kuko n’igihe wobagundura ko bakubeshe baca bagutera ubwoba ko bazoshira ahabona amafoto yawe na video zawe uri amenya. Mbere uwo mukobwa canke uwo mugore arobongera n’ayandi mahera kubera iryo terabwoba, akayabaha asaba n’imbabazi. 90% y’abibwa ni abakenyezi n’abigeme kandi ntibigera babivuga, bapfana isoni kubera ya mafoto n’ama vidéo. Aha mu mabohero hariho abagabo batunze amafoto n’amavideo y’abarundikazi bari gusa batagira uko bangana, ugasanga bariko barazerekana bitwengera. »

Iyo ari abakobwa bari mu Burundi, abasuma babahenda ko ari abarwizatunga bakorera Uganda, Kenya canke Sudani. Barabaresha bakagera aho bategura urubanza rwo gukwa. Aho bababwira ko baje ari batanu, hamwe bakavuga ko banazanye ibidandazwa mu Burundi. Bageze i Kobero baravuga ko imodoka ibapfanye kandi ko ata mafaranga y’amarundi bafise, bagasaba umukobwa kubarungikira amarundi ngo bakoreshe imodoka canke barihe ihoteri, canke barihe douane. Aho hose umukobwa imyiteguro y’urubanza iba igeze kure, amafaranga nayo aba azi ko atari ikibazo bashika bayariha. Amaze kubarungikira bakabona ko ataco asigaranye baca bamubloka ntasubira kubatora. »

« Umutego ukomeye nabonye ugondoza abigeme benshi ni uwo kubarungikira amahera biciye mu kubugururiza compte muri banki. Umukobwa bamuhenda ko bari hanze, canecane muri Kenya, bakamubwira ko baza gucisha muri KCB, ariko ko hakenerwa amahera yo kwuguruza compte. Aho rero haba hariho uwundi yiyise umukozi wa banki ariko arafasha kwugurura compte. Umukobwa bamusaba kurungika kuri lumicash amafaranga yo kwuguruza compte. Bamubwira ngo : genda ku mukozi wa Lumicash, umubwire arungike amahera, ngo minota ibiri tuca tugushirirako amahera kandi aca agushikira. Kenshi bagusaba igiharuro kidahera, nka 45.857, 4467 kugira wizere nyene ko ari ibintu vya banki. Urungitse barashobora kugusaba ayo wongerako ngo compte yugurutse gushika kuri 90% kandi ugasanga abantu baravyemeye. Vyose biheze, ntusubira kubatora. »

🔴 Abakora ivyo bintu mu mabohero barazwi

« Ibi bintu ni ibara, benshi turabibona tukumigwa kubera ataco turi bugire. Ababikora binjiza amafaranga menshi cane ku buryo bataciyumvira n’ugutaha.
Ubu hariho ababishiramwo umutahe, bakagura telefone Android nyinshi baha abakozi babo. Ayo bivye baca bayagabura n’umukozi. Biragera naho bifatanya n’abo bivye bari hanze. Aho kwishura uwo bivye, bakaca bamusaba ko bakorana kugira bibe abandi. Ni akamaramaza. Jewe aho ndi, abo basuma barariha abaserukira abanyororo kugira igikorwa cabo c’ubusuma kibandanye ata nkomanzi. Nukuri simbona ingene ivyo bintu vyoshobora gutuzwa. »

🔴 Impanuro

  1. Bakenyezi, bigeme, mwirinde rwose abo bantu babasaba amafoto na video muri gusa. Uwo ubihaye ashobora kuzogukoresha ico ashatse imyaka myinshi cane. Uracari muto, mu myaka 20 ushobora kuba umutegetsi akomeye, Ivyo wamuhaye azobigarukana ubure iyo ukwirwa. Nihagera ko wubaka, ntuzi ico azobikoza. Mureke kwizera abo mutazi, mukabaha ivyo mudashobora kugarura.
  2. Bagenzi, mukanure, nta muntu murazinanye, yimirije kukurondera ngo aguhe akazi n’ingene gakenye, ngo akurungikire ibidandazwa n’ingene ubuhemu bugwiriye muri kino gihe, ngo aguhe visa. Nimureke guhendwa.

Ikivume ni nde: Mugenzi wibaza yuko uhagaze ni wiyubare!

UMUNTU WESE AZI YUKO ATWAYE AGAKIZA YIYUBARE CANE KUKO SATANI NTAWE AGERA UMUTWE.

Uwibaza yuko ahagaze yiyubare cane kuko satani yagazwe. [1Abikorinto 10:12-13]. Kuvyerekeye ibigeragezo tumenye yuko atacotugerageza kiza kirengeye ukwihangana kwacu.
Naho satani yakororewe ikuzimu mwibuke yuko yama ariko ariha inkumbi hano kw’isi no mu kirere ngaho hejuru akoresheje imyuka y’abadayimoni. [Abayefeso 6:12]
Satani atageze umutwe Umwami wacu Yesu Kristo, akaja kumugerageza kandi azi yuko ari Imana yihinduye umuntu bitayeko yaramaze iminsi 40 mu bugaragwa atarya atanywa ariko arasenga gusa. [Matayo 4:1-11] Satani arashir’isoni, arenyaguza kandi arubahuka.
N’uyu munsi ni wa wundi, ububisha ni bga bundi satani nawe ntahindura ubugambanyi.

  • Muri Édéni yihinduye inzoka kugira ngo asuke umwana w’umuntu mu caha kandi yarabikoze biramushobokera. [Itanguriro 3:4] none gushika n’ubu umuvumo uracari mw’isi.
  • Mu bugaragwa yihinduye impwemu y’ubgenge maze asuka Kora, Datani na Abiramu maze abo bose bapfa rubi n’imiryango yabo isi irabamira uko ari 250 kuko bagararije intumwa y’Imana Mose [Guharura 16:1-40]
  • Yagiye ariha inkumbi mu bihe bitandukanye mw’Ihanga ry’Imana no muyandi mahanga nk’igihe c’isodoma na Gomora, igihe ca Nowa, i Niniwe, igihe ca Naniya na Safira n’ibindi bihe.
  • N’uyu munsi satani ahagurutsa ikivume. No mu Burundi biriho vyemera kurogota ku Mana ngo « YESU KRISTO NI… » ijambo ntashobora kwubahuka kwandika kuko umutima utonkundira.
    Ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera riratubarira ivyo ikivume:[1Abikorinto 12:3] « Kuko nta n’umwe yovuga yuko Kristo ari umukiza atabivugishikwe na Mpwemu w’Imana kandi ntawovuga ngo Kristo n’ikivume atari impwemu ihumanye yo nyene ». Ico kivume kiri mw’ihanga ry’Abarundi n’iyo kiri mw’ibohero rikuru kirubahuka kikazimiza abantu mukwikwegerako abahumye amaso nabo bagakubagurwa n’iyo mpwemu ya satani yo kwama irwanya Imana n’abana bayo. Mwibuke gusengera abameze batyo.
    UHAGAZE YIYUBARE NTAGWE MURI KAMEREMERE KIWE CANKE NGO ATWARWE N’IZO MPWEMU ZIYERERA MU GIHUGU CACU.
    Umwami Yesu yamamare!