Akarorero kamwe muri twinshi mu biriko birabera mu ngo nu gihugu cacu aho abantu biyahura ku rugero runini abandi bakica abo bubakanye ku buryo buteye ubgoba.
Nguku uko uko uwanditse uru rubanza yiyumvira:
Yicishije amenyo umukenyezi wiwe !
Sentare Nkuru ya Makamba yashashe mu ntahe y’ikibiriraho ku wa mbere (20.11.2022), iraheza icira umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwose uwitwa Ernest Ndayitabariye ava ku mutumba wa Sampeke muri komine Kayogoro. Ernest yagirijwe ko yishe umukenyezi wiwe mw’ijoro ry’uwa 18.11.2022. uburyo yamwishemwo burarengeye ubwenge bw’umuntu : yamwicishije amenyo yamushinze mu muhogo !
Mu ngo z’abarundi hasigaye hari urugero rw’ubwicanyi rudatahuritse. Abatwara igihugu, abarongoye amashengero, amashirahamwe yigenga, abahinga muri za kaminuza mu vyigwa vy’imibano (sociologie) n’inyifato (psychologie) barakwiriye kuja hamwe bagatanguza umugambi udasanzwe werekeye ingo. Abagabo barica abagore babo, abagore barica abagabo babo ku rugero rutari rwigere ruboneka mu gihugu. Kandi bicana nabi cane. Biva kuki ? Hahindutse iki ? Habuze iki ? Vyokingwa gute ? Mbega no hanze y’Uburundi, ingo z’abarundi zoba zisigaye zimeze gutyo canke bibera mu Burundi gusa ?
Uraba maso igihe ubutumwa nk’ubu bukurambira gusoma,ariko inkuru zisetsa,iz’ibiterasoni zikakuryohera gusoma. Murabere maso ibi vyose bene Data bakundwa.Tube maso kuko Satani we ntasinziriye.
Twitegure Yesu Kristo agiye kuza kujana abiteguye. Anti-Kristo n’imburabgenge yahenze bamaramare.
Inyuma y’inkuru twabahaye y’abasuma biba abantu baciye ku mbuga ngurukanabumenyi, bakiyita amazina y’abategetsi n’abandi bazwi, hari umunyororo yatwandikiye kugira aduhe intahe y’ivyo azi uko bikorwa. Uyu muntu yemeza ko ubwo busuma bukorwa canecane n’abanyororo mu mabohero akomakomeye, ko bakarira cane abakenyezi n’abigeme, kandi ko babikorana ari abantu benshi (en réseau).
🔴 Ubusuma bukorwa n’abanyororo
« Amahoro. Ku nkuru y’ubusuma bubera ku matelefone hamwe n’abiyitirira abantu, nagira ndabahe umuco. Vy’ukuri ababikora bari mu mabohero makurumakuru (prison centrale), birateye isoni. Bariba amahera kugera ku kanyuma. Jewe nanje ndapfunzwe kandi simbona icokorwa co kubihagarika atari kubimenyesha abantu benshi bashoboka. Canecane haribwa abakobwa n’abamama kandi ku rugero runini cane.
Abo basuma bafise ubuhinga bukomeye cane. Bafise amafoto y’imipaka itandukanye, bakaboneka bari mu mamodoka, mu maduka, mu ma company akomeye kugira bemeze abantu ko ivyo vyose ari ivyabo kandi ko bavuga ukuri. Bakoresha amanomero menshi ya telefone. Kuri WhatsApp ubasangana amanomero yo hanze, batuma uwuri hanze akabagurira carte sim, hanyuma bagishira iyo nomero muri WhatsApp, uwo hanze akabarungikira code, bikaba biraheze. Ariko hageze kubarungikira amahera, bakoresha inomero ndundi za ecocash na lumicash.
Hari naho bahenda abantu, canecane abakenyezi, ko bariko babugururira ama comptes mu mabanki ariko babikora ku buryo amahera yose aca aja kuri ecocash na lumicash. Ibanki bakorerako cane ni KCB kubera batiba abarundi gusa, bariba n’abari mu bindi bihugu nka Kenya, Tanzania na Congo. Barakoresha kandi na M-Pesa kugira bibe abari muri Kenya.
Barashoboye kwigira abakozi ba Leta bo mu bisata bitandukanye, ugasanga ni abakozi ba OBR, abakozi ba PAFE, ni abapolisi, ni ba porokirere, ni ba buramatari, ni abakozi bo mu biro vy’Umukuru w’igihugu, kandi bagashobora no gutanga impapuro zijanye n’ubwo buzi bavuga. »
🔴 Abakenyezi barabangamiwe cane.
« Umurwi ubangamiwe cane ni abigeme n’abamama. Aha wohimiriza abakobwa babona abasore babasaba ubugenzi kuri Facebook, hanyuma bakaca babasaba WhatsApp, bahagabire cane. WhatsApp z’aba basuma usanga ari izo mu bihugu bitandukanye kandi biryamiye mw’ibohero mu Mpimba, i Ngozi, mu Ruyigi, i Gitega, i Muyinga. Umukobwa baramuresha, bakanigira abantu bakijijwe canke bubaha Imana, bakumurungikira amafoto meza y’abagabo batunze, nawe akaja narwo ngo aronse umugabo. Ubucuti buragera kure kugeza aho mupanga imanza zo gukwa n’ubugeni. Bakubonye ufise amahera menshi, nk’uwuri muri Omani canke Arabia Saoudite, baraguteza umutwe wo kugura ikibanza co kwubaka, canke guheraheza inzu yanyu y’ubugeni, baraguhenda bakwugururiza compte muri banki ariko amahera akaja muri telefone zabo. Kubera basanzwe bakorana ari urunani runini, baraguhenda ngo uriko uvugana n’imiryango yabo, bakaguha abo bita abavyeyi n’abavukanyi babo, ukiyumva ukunzwe n’umuryango wose.
Umutego ukomeye abakenyezi n’abigeme barwamwo ni uwo kubarungikira amafoto n’ama vidéo bari gusa. Bashiki bacu barata impuzu, bakarungika ubwambure bwabo, bikarangira bibwe udufaranga twabo. Ivyo umaze kubikora baba bagufise neza kuko n’igihe wobagundura ko bakubeshe baca bagutera ubwoba ko bazoshira ahabona amafoto yawe na video zawe uri amenya. Mbere uwo mukobwa canke uwo mugore arobongera n’ayandi mahera kubera iryo terabwoba, akayabaha asaba n’imbabazi. 90% y’abibwa ni abakenyezi n’abigeme kandi ntibigera babivuga, bapfana isoni kubera ya mafoto n’ama vidéo. Aha mu mabohero hariho abagabo batunze amafoto n’amavideo y’abarundikazi bari gusa batagira uko bangana, ugasanga bariko barazerekana bitwengera. »
Iyo ari abakobwa bari mu Burundi, abasuma babahenda ko ari abarwizatunga bakorera Uganda, Kenya canke Sudani. Barabaresha bakagera aho bategura urubanza rwo gukwa. Aho bababwira ko baje ari batanu, hamwe bakavuga ko banazanye ibidandazwa mu Burundi. Bageze i Kobero baravuga ko imodoka ibapfanye kandi ko ata mafaranga y’amarundi bafise, bagasaba umukobwa kubarungikira amarundi ngo bakoreshe imodoka canke barihe ihoteri, canke barihe douane. Aho hose umukobwa imyiteguro y’urubanza iba igeze kure, amafaranga nayo aba azi ko atari ikibazo bashika bayariha. Amaze kubarungikira bakabona ko ataco asigaranye baca bamubloka ntasubira kubatora. »
« Umutego ukomeye nabonye ugondoza abigeme benshi ni uwo kubarungikira amahera biciye mu kubugururiza compte muri banki. Umukobwa bamuhenda ko bari hanze, canecane muri Kenya, bakamubwira ko baza gucisha muri KCB, ariko ko hakenerwa amahera yo kwuguruza compte. Aho rero haba hariho uwundi yiyise umukozi wa banki ariko arafasha kwugurura compte. Umukobwa bamusaba kurungika kuri lumicash amafaranga yo kwuguruza compte. Bamubwira ngo : genda ku mukozi wa Lumicash, umubwire arungike amahera, ngo minota ibiri tuca tugushirirako amahera kandi aca agushikira. Kenshi bagusaba igiharuro kidahera, nka 45.857, 4467 kugira wizere nyene ko ari ibintu vya banki. Urungitse barashobora kugusaba ayo wongerako ngo compte yugurutse gushika kuri 90% kandi ugasanga abantu baravyemeye. Vyose biheze, ntusubira kubatora. »
🔴 Abakora ivyo bintu mu mabohero barazwi
« Ibi bintu ni ibara, benshi turabibona tukumigwa kubera ataco turi bugire. Ababikora binjiza amafaranga menshi cane ku buryo bataciyumvira n’ugutaha. Ubu hariho ababishiramwo umutahe, bakagura telefone Android nyinshi baha abakozi babo. Ayo bivye baca bayagabura n’umukozi. Biragera naho bifatanya n’abo bivye bari hanze. Aho kwishura uwo bivye, bakaca bamusaba ko bakorana kugira bibe abandi. Ni akamaramaza. Jewe aho ndi, abo basuma barariha abaserukira abanyororo kugira igikorwa cabo c’ubusuma kibandanye ata nkomanzi. Nukuri simbona ingene ivyo bintu vyoshobora gutuzwa. »
🔴 Impanuro
Bakenyezi, bigeme, mwirinde rwose abo bantu babasaba amafoto na video muri gusa. Uwo ubihaye ashobora kuzogukoresha ico ashatse imyaka myinshi cane. Uracari muto, mu myaka 20 ushobora kuba umutegetsi akomeye, Ivyo wamuhaye azobigarukana ubure iyo ukwirwa. Nihagera ko wubaka, ntuzi ico azobikoza. Mureke kwizera abo mutazi, mukabaha ivyo mudashobora kugarura.
Mu bugaragwa yihinduye impwemu y’ubgenge maze asuka Kora, Datani na Abiramu maze abo bose bapfa rubi n’imiryango yabo isi irabamira uko ari 250 kuko bagararije intumwa y’Imana Mose [Guharura 16:1-40]
Yagiye ariha inkumbi mu bihe bitandukanye mw’Ihanga ry’Imana no muyandi mahanga nk’igihe c’isodoma na Gomora, igihe ca Nowa, i Niniwe, igihe ca Naniya na Safira n’ibindi bihe.
N’uyu munsi satani ahagurutsa ikivume. No mu Burundi biriho vyemera kurogota ku Mana ngo « YESU KRISTO NI… » ijambo ntashobora kwubahuka kwandika kuko umutima utonkundira. Ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera riratubarira ivyo ikivume:[1Abikorinto 12:3] « Kuko nta n’umwe yovuga yuko Kristo ari umukiza atabivugishikwe na Mpwemu w’Imana kandi ntawovuga ngo Kristo n’ikivume atari impwemu ihumanye yo nyene ». Ico kivume kiri mw’ihanga ry’Abarundi n’iyo kiri mw’ibohero rikuru kirubahuka kikazimiza abantu mukwikwegerako abahumye amaso nabo bagakubagurwa n’iyo mpwemu ya satani yo kwama irwanya Imana n’abana bayo. Mwibuke gusengera abameze batyo. UHAGAZE YIYUBARE NTAGWE MURI KAMEREMERE KIWE CANKE NGO ATWARWE N’IZO MPWEMU ZIYERERA MU GIHUGU CACU. Umwami Yesu yamamare!