Imburi n’ubuhanuzi vy’iy’indwi 11-18/12/2022

IMBURI N’UBUHANUZI VY’IY’INDWI: MUBE MASO MUTERAMIYE AMASEZERANO. Ibirenge bizanye ubutumwa bgiza bg’ijuru ngivyo birashitse i Burundi. Icete c’ishitswa ry’amasezerano cateweko igikumu n’Uhoraho kigira gisomwe. Itangazo ry’Uhoraho rigira risomwe, Abarundi n’abanyamahanga baryumve. Hanga ry’Abera itegure mumanike ibendera ry’intsinzi y’Uhoraho mu gihugu c’Uburundi. Uhoraho Imana yaraduhaye urupfunguzo rw’amasezerano, tugire twugurure Ihanga ryinjire. Abishize hejuru Uhoraho Imana arabakoroye […]