

IMBURI N’UBUHANUZI VY’IY’INDWI: MUBE MASO MUTERAMIYE AMASEZERANO.
- Ibirenge bizanye ubutumwa bgiza bg’ijuru ngivyo birashitse i Burundi.
- Icete c’ishitswa ry’amasezerano cateweko igikumu n’Uhoraho kigira gisomwe.
- Itangazo ry’Uhoraho rigira risomwe, Abarundi n’abanyamahanga baryumve.
- Hanga ry’Abera itegure mumanike ibendera ry’intsinzi y’Uhoraho mu gihugu c’Uburundi.
- Uhoraho Imana yaraduhaye urupfunguzo rw’amasezerano, tugire twugurure Ihanga ryinjire.
- Abishize hejuru Uhoraho Imana arabakoroye none ashize hejuru ba nyarucari.
- Umwampi w’Uhoraho Imana uravuye mu ruge kugira ngo ushitse ico wagenewe.
- Abera bose, Ihanga mwese tegure impamba kuko mugira mwambukire mu gihugu c’isezerano.
- Aho ku gicaniro mu rugo iwawe niho Umwami n’Umukiza Yesu Kristo, niho azogusanga kandi azokurindira.
- Amasengesho yanyu Uhoraho ayatega ugutwi ijoro n’umurango kandi azobishura ahitse imwe ku kindi.
Umwami Yesu yamamare, Amen!
*HARI ISOKO RIMWE MU BIBOGABOGA BIVA M’URUWO MUKUNZI , INCUTI NZIZA, TWESE DUHURIRAKO , NI ISOKO RIDAKAMA KUKO NIWE WENYENE ATANGA AMAZI AHINDUKA IMBIZI YIBURUKA AZANA UBUGINGO BUDASHIRA M’UBUMWE BW’ IMANA DATA N’IMANA UMWANA MU MPWEMU IMANA IMWE BASANGIYE *
*INGO DUSENGE ICO TUZI.*
Kandi twemere ko hari vyinshi tutaramenya kandi iyi si tuzorinda tuyivako tutarabimenya vyose :
*IMANA NI IMPWEMU NZIMA KANDI NI NINI CAAANE NTA MUNTU N’UMWE MURI TWEBWE YOKWIRWAMWO ATARI MU KINEGE CAYO NYAKUBAHWA UMWAMI YESU KRISTO KUKO NI MUNTU WENYENE ATAHAWE IMPWEMU Y’IMANA KU NGERO !*
ISHENGERO RY’IMANA ARIWO MUBIRI WA KRISTO RIRANGWA N’IMPWEMU Y’UBUGINGO BW’IMPWEMU N’IJAMBO IRIBAMWO: NYAKUBAHWA UMWAMI YESU N’IMANA DATA IMPWEMU IHORAHO ABBA.
*UMUBIRI WA KRISTO ARIYO SHENGERO RY’IMANA, UMUBIRI WA KRISTO NI MUZIMA KANDI URANGWA N’AMARASO YAWO ARI MU MUMIBIRI MYINSHI
(LES ÉGLISES LOCALES) ARIKO YOSE NI IMIBIRI IHURIRA M’UBUMWE BW’UMUBIRI UMWE W’IKINEGE C’IMANA KITAHAWE IGICE C’AMARASO YA SE , NIWE WENYENE ARIMWO UBUGINGO BW’IMANA BWOSE.*
*YESU NI UMWAMI *
J’aimeJ’aime
Amen
J’aimeJ’aime