
Hari umukurambere nabariye nti “ukuri kutavuzwe n’abakijijwe, nti kuzovugwa n’abadatinya Imana”. Ivyo nabimubariye bivuye ku kiyago kirekire twagiranye kuvyerekeye kahise k’igihugu cacu c’Uburundi.
Umuntu wese yama aharanira kunyegeza ukuri, kuguhindukiza canke kuguhakana kubera kumutsinda canke gufata ubgoko, umuryango wabo cangwa abo akunda. Uwundi akama agerageza gusomangiza, kurisha no kubabaza abandi kubera icaha kigwa ku bandi ( ubgoko, umuryango, umurwi,…) kugira ngo nabo bagire umubabaro.
Uko biri kwose, ukuri kurakwiriye kuvugwa uko kuri kwose kugira ngo imitima ikire. Erega mu Burundi, naho ubutegetsi, amadini n’imirwi itandukanye yirengagiza ukuri, abicanye kuva kera bose barazwi. Ikintu gishobora no kuguma kizana intureka mu gihugu ni ukugomba guhana bamwe ugasiga abandi inyuma witwaje imvo iyariyo yose. Ikindi kibabaje kuruta, ni ukunyegeza ikibi kibishe ukakirenza amaso kubera inyungu zawe mugabo ukibagira yuko ukuri mukwirengagiza ariko kwokwo kutazobirengagiza kuko kuzobomako.
Abarundi barakwiriye kuramira ukuri, bakagukunda, bakakugendera kandi bakakunezererwa kugira ngo bakire umugera w’icahaha ugenda uramunga imitima yabo. Abanyepolitike bananiwe no guhangana n’ukuri, abana b’Imana turakwiriye kugushira ahabona tudatinya.
Duhamagare Imana itabare Abarundi n’uburundi.