Twahawe urupfunguzo rw’amasezerano, amen!

INDWI YAHARIWE AMASENGESHO YO GUSENGERA AMASEZERANO Y’IGIHUGU N’ISHENGERO: DUKURE UBGATSI KUKO TWAGABANYE.

Ihanga Ryera ry’Imana si akarwi kiyitirira idini canke ishengero ni Ihanga ryikwije rigizwe n’Abarundi n’abanyamahanga bava mu mihingo yose, amoko n’imiryango yose, abari mu gihugu n’abari mu mahanga yo hafi na kure nk’uko intumwa Yohana yavyeretswe [ IVYAHISHURIWE YOHANA 7:9]
Umuntu wese yizera Umwami Yesu Kristo, akaba yarihanye ivyaha, akagendera mu vyagezwe vy’Uhoraho, akama yezwa yiyubara gukora icaha cose mu kwumvira ijwi rya Mpwemu Yera, uwo niwe ari mu muryango w’ABERA kandi niryo HANGA RYERA RY’IMANA. Abo nibo baraye bagabanye urupfunguzo rw’amasezerano, haleluya!
Mumenye kandi mutahure neza yuko dufise amasezerano yo kurarwa ubgami bg’Imana mu gihugu co mw’ijuru. Imbere yuko Umwami Yesu agaruka gutora abaraganwa nawe, dufise isezerano ry’Uburundi bushasha bg’Isezerano aho Abarundi bazobona ibibi bibugarije bikuweho kugira bashitse umugambi wo gutwara ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro ry’ubutumwa bgiza mu gihugu cose na kure kw’isi. Ayo masezerano n’iyo twaherewe urupfunguzo kandi tugiye kuyabona vuba.
Bantu mwese mwizera ico Uhoraho Imana yavuganye natwe, Hanga Ryera ry’Imana, ca gihe ngico kirashitse kuko harageze yuko mwinjira mu masezerano. Mwame mwibuka yuko imbere yuko umwana avuka habanza ibise. Ibise navyo ku bavyeyi birababaza mbere hakaba amarira, amaganya, ivyuya n’amaraso. Ivyo muvyitegurire mwejejwe kandi ivyizigiro vyanyu bihamye mu kwizera ubutabazi n’ubushobozi bg’Umucunguzi wacu, Emanuel, Mesiya, Yesu Kristo, Amen!