Uburundi, uravye uko abenegihugu babayeho, burakeneye umukiza.
UBURUNDI BURAGWAYE INGWARA KANDI BURAREMVYE BUKENEYE UMUKIZA. Maze iminsi nitegereza ibibera mu butegetsi, ibibera mu migambge, ibendera mu madini n’amashengero n’ibibera mu bantu hagati yabo ubgabo, nasanze uburundi bukeneye umukiza.Umutegetsi ariba igihugu ajejwe gukingira, akanyaga akarenganya n’abene gihugu ajejwe kurenganura atacamira. Niwe agaruka akikomesha induru yagiriza abandi yuko ari ibisuma kandi yuko arenganya abantu kandi […]