
UBURUNDI BURAGWAYE INGWARA KANDI BURAREMVYE BUKENEYE UMUKIZA.
Maze iminsi nitegereza ibibera mu butegetsi, ibibera mu migambge, ibendera mu madini n’amashengero n’ibibera mu bantu hagati yabo ubgabo, nasanze uburundi bukeneye umukiza.
Umutegetsi ariba igihugu ajejwe gukingira, akanyaga akarenganya n’abene gihugu ajejwe kurenganura atacamira. Niwe agaruka akikomesha induru yagiriza abandi yuko ari ibisuma kandi yuko arenganya abantu kandi ntihabura n’abahagwa bagakurwa mu kazi bagapfungwa.
Abanyamigambge bararenganya, bakarenganya gushika naho birengagiza ukuri kwose bakavuga yuko amashure ataco amaze kugira ngo bakoreshe urwaruka ku nyungu zabo gusa. Aho gutegura kazoza keza k’igihugu bategura kwirundanirizako ibintu vyise kugira ngo bategeke bose atawuryogora. Ivyo bigiye gukwega akarambaraye mutaravye neza.
Abanyamadini n’abanyamashengero binyegeza mu nyigisho z’Imana kugira ngo bakore ivyo bigisha abandi kudakora. Ivyaha vyiraye mu bigisha abandi guheba ivyaha. Umuntu atanga ico afise.
Ingeso z’arononekaye, ubu ntukigira uwo wokwizera kuko n’iwo muvukana arakuryaruka ni naco gituma huzuye imanza nyinshi z’amatati mu gihugu.
Abagabo, abashingantahe n’imvuga kuri urazibura aho wazibonye kuko bose batinyira ubuzima bgabo. Ababi n’ikibi kiriganje mu Barundi. Uwugize ngo aravuze atera amashurwe abaganza naho boba aribo nyanduruko y’ibibi vyose, uwitwa nawe ngo akoresheje urwenge arihorera, akayinga maze agacika ntirumveko. None igihugu kizokizwa na bande!
Igihugu c’Uburundi n’abarundi, bavyemera batovyemera, bararwaye kandi bararemvye kandi bakeneye umukiza budatinze!
Ni musenge, mubiroge kandi mwicishe bugufi Imana itabare.