Abantu benshi binyegeza muvy’Imana bakihuma amaso ngo “Imana izobaha igihugu” bakiyibagiza yuko kirwanirwa.
Kenshi turumva abantu biyita abahanuzi abandi bagahagarara ku buhanuzi maze bakiyimikira kuba abami n’abigira abaherezi. Mwarumvise ivyo abagabo biyimitse bitwa ba Muhimpundu Lambert, ba Katikati ubu bapfunzwe mw’ibohero rikuru rya Bujumbura. Mwarumvise n’uwundi ari mu gihugu ca Australia yitwa Nicolas Bigirimana nawe aherutse kwiyimika ngo akarahirira n’ubuherezi bukuru. Burya hariho n’abandi babigera amajanja bagaca batinya […]