


Kenshi turumva abantu biyita abahanuzi abandi bagahagarara ku buhanuzi maze bakiyimikira kuba abami n’abigira abaherezi. Mwarumvise ivyo abagabo biyimitse bitwa ba Muhimpundu Lambert, ba Katikati ubu bapfunzwe mw’ibohero rikuru rya Bujumbura. Mwarumvise n’uwundi ari mu gihugu ca Australia yitwa Nicolas Bigirimana nawe aherutse kwiyimika ngo akarahirira n’ubuherezi bukuru. Burya hariho n’abandi babigera amajanja bagaca batinya ingaruka vyobagirako kuko bari mu gihugu. Abo bose binjiye mu vy’Imana maze bumva Imburi n’ubuhanuzi birabasosera ariko ijambo ryayo no kurongorwa na Mpwemu Yera bica birabasiga.
Bumvise yuko Imana itanga igihugu maze babifata nk’umukino w’akamari aho utomboza ugaca utwara ivyo utomboje. Ubutware bg’igihugu Imana irabutanga mugabo buva kure bukarwanirwa kandi Ingabo indiri zikaharwa. Kugira ngo ushike mu gihugu Imana yagusezeraniye si utujambo jambo kandi si amasengesho menshi. Aho woruhira ubusa.
Imana kugira ngo ikize isirayeli yabanje kuvukisha umurongozi, Mose anyegezwa murufunzo kuri Nil, ajanwa kurererwa ibgami kwa Farawo, yiga amashure menshi hanyuma ahungira mu bugaragwa kuragira intama imyaka 40 yose. Kandi aho ntiyashitse mu gihugu c’isezerano, yakirabiye kure mugabo cashitsemwo abandi.
Kugira ngo bashike mu gihugu c’isezerano, bamaze imyaka 40 mu bugaragwa, bamwe bariwe n’inzoka barapfa abandi isi yarasamye irabamira. Abantu benshi iyo bigisha inkuru ya isirayeli bavuga ibitangaza gusa babonye. Kugira ngo baneshe ibisagara bararwana ijoro n’umurango benshi muribo bakicwa abandi bagakomereka. Imana yaguhaye Isezerano ry’igihugu nti wicara ngo uriko uravuza inanga canke ngo uriko urasenga gusa. Umwami Dawidi arabizi kuko akiragiye intama yahora arwana n’ibikoko. Amaze gushika ku kirimba naho Sawuli yagerageza kumwica incuro nyinshi. Uretse na Sawuli, kugira ngo abe Umwami, yategerejwe kubanza kwica ikigatanya cari caragesheje Ingabo zose za isirayeli. Yanesheje Goliyati bose bumva bakadegedwa. Ntuba uwatoranijwe ngo uja kwabira ivyagusa, hariho intambara ubanza kurwana.
Igihugu c’isezerano ntibagitora mu nzira kandi si kubgo amashure, ubuhizi canke akaranga. Uretse kugitoranirizwa, urakirwanira, ukagiteramira kandi ukama ugikingira. Ntuba mugaboniryo, sa tuntu twanje, mpenuke ndamuke canke ngo wifatanye n’inkozi z’ikibi. Utegerezwa kugira umutima nk’uw’Imana igwishiriza imvura abeza n’ababi. Abanya isirayeli barabizi kuko kuva bagishitsemwo, batwawe nk’inyagano incuro nyinshi, baragwanye baraneshwa kenshi, barakorewe ihonyabgoko, amakungu yose arabanka kandi n’uyu munsi baracari mu ntambara.
Imana iyo ivuze irashitsa mugabo ishitsa ku bafise imitima n’imibiri yiteguye, ishitsa ku bantu bafise ico bazoyimarira kuko iyo bayitaye bakanjajwa, bahura n’ivyago, babura vyose bakaba inyererezi. Tegure ingabo z’igihugu cacu zame zigavye kandi zigabirije kurwanira Uburundi bg’Isezerano.