INTAHE N’AMASHIMWE MENSHI KUMANA UMUREMYI W’ISI N’IJURU KUBWO IBITANGAZA IKORARA MW’IHANGA

HANGA RY’IMANA, dusenga Imana yumva kandi yishura, Imana isezerana kandi igashitsa. Tuguma duha Uhoraho Imana amashimwe n’icubahiro kuko ishishikara kwiyerekana mw’Ihanga ryayo. Kuntahe z’abakize umugera wa sida, abakize canceri n’izindi ndwara zitandukanye twabashikirije kubwo amasengesho yo kubicaniro, uyu munsi twifatanije n’abakenyezi bateturuwe n’Imana bakaronswa ibibondo kubwo gusengerwa n’abakozi Imana yirobanuriye. Abo abantu bita abakecuru, abo […]