INTAHE N’AMASHIMWE MENSHI KUMANA UMUREMYI W’ISI N’IJURU KUBWO IBITANGAZA IKORARA MW’IHANGA

HANGA RY’IMANA, dusenga Imana yumva kandi yishura, Imana isezerana kandi igashitsa.

Tuguma duha Uhoraho Imana amashimwe n’icubahiro kuko ishishikara kwiyerekana mw’Ihanga ryayo. Kuntahe z’abakize umugera wa sida, abakize canceri n’izindi ndwara zitandukanye twabashikirije kubwo amasengesho yo kubicaniro, uyu munsi twifatanije n’abakenyezi bateturuwe n’Imana bakaronswa ibibondo kubwo gusengerwa n’abakozi Imana yirobanuriye.

Abo abantu bita abakecuru, abo abagabo bataye, abo abapfumu, abarozi na satani baboshe ubura bwabo ngo ntibazovyare, Yesu arabababarira, akabakiza kandi akabateturura. Abo mubona kw’ifoto Yesu yarabatwengeje kandi benshi n’ubu baribungenze mu Burundi, muri Tanzanie, mu Bubiligi. Ikiganza c’Uhoraho gishika hose.

Muntu uri mu gakengegwe, mu ndwara, mu bibazo bitandukanye, ntiwemere yuko satani agutoteza, aguhonyora ku gakanu canke ngo aguteze ivyago. Yaraneshejwe!

Mu ntara zose zigihugu aho uri hose, mu ntara zose z’ibihugu bihana imbibe n’Uburundi nka za Congo, Tanzaniya, Rwanda, eka no mubindi bihugu nka Uganda, Kenya, Zambia, Malawi n’ibindi biri kure, Ihanga ry’Imana rihafitiye abakozi b’Imana bashobora ku gusengera Umwami Yesu akakubohora, akagutabara kandi akagukorera ibitanganza.

Irabire nawe akamwemwe abo bakenyezi hakurya muri Tanzania bifitiye kubera kuronswa ibibondo no kwibungenga. Turabafasha gukura ubwatsi kubwo ibitangaza bironkeye mw’izina ry’ubushobozi, izina rya Yesu Kristo. Abakozi b’Imana nabo bose bakwiriye gushigikigwa mu masengesho no kuronswa uburyo bwo kubaho. Imana ibazigame.

Turangize tubwira abo bakenyezi n’abari I Dares salam babonye ikiganza c’Imana tuti: « Hongera kwa Jina la Yesu! Imana IHANGA RY’IMANA risenga mwizina rya Yesu Kristo yitwa Jehovah Elohim, Imana y’Ubushobozi bwose!

Publicités

Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s