URUTONDE RWAMASENGESHO MU GIHUGU CACU NO MUMAHANGA.

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi kuwa gatatu w’iyinga (Mercredi) na no kuwa gatandatu w’iyinga (Samedi). Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro bitandukanye canke ivyumba vy’amasengesho twita kukarago, dusanganywe bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, ayabera mu migwi ya whatsapp nka (Dusabe Mpwemu) na Facebook, abari I Bulaya basanzwe basenga amasengesho yo kwitanga ku wa Mbere w’iyinga (Lundi), Aziya na Ostraliya basenga kuwa 2 w’iyinga (mardi), Afika ni kuwa kane w’iyinga (Jeudi), Canada na Amerika ni kuwa gatanu w’iyinga (Vendredi.)
Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi n’ihanga ry’Imana ryose, mwese murimwo kandi muratumiwe. Uwurongowe gufata amafungo abigira uko nyene.
Kira ndwi tuba dufise urufatiro rwayo, rugizwe n’ibisomwa vyo muri Bibiliya twahawe na Mpwemu Yera, tubadusifise kandi n’indirimbo zatoranije, n’ivyo Mpwemu Yera yahishuye kuri aba na bariya.
Tuba dufose kandi n’imitwaro itandukanye yo gusengera, iyo mwibanga niyo ku mugaragaro, tuba twahawe n’abantu kugiti cabo, imiryango, amashirahamwe n’amashengero atandukanye.
Turaheza tugasigura inzozi, inyereko n’ubuvugishwa, tukanashikiriza benevyo ivyavuye mu mitwaro n’amasengesho twakoze.
Ufise imitwaro canke inzozi ushaka gusigurigwa uratwandikira kuri email: abiszerano@yahoo.com canke ukaduhamagara kuri numero twama turiko turashira ku mbuga.
Umwami wacu Yesu Kristo abazigamire mu buntu bwiwe!

Publicités

Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s