I Bururi abantu bakubiswe n’inkuba n’imirima irononekara.

Bururi: Abantu 3 barakubiswe n’inkuba barababara cane, imirima y’ibigori, ibiraya n’ibindi bitaramenyekana igitigiri birononekara ku mitumba imwe imwe y’amazone ya Nyagasasa na Kivumu muri komine Mugamba. Vyavuye ku mvura nyinshi ivanze urubura n’imituragaro yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa kane. Musitanteri wa komine Mugamba amenyesha ko abo bakubiswe n’inkuba bariko baravurwa. Venuste Ntahombaye asaba […]