Abacamanza bavuze ko abana basibanganije ifoto ya Prezida w’u Burundi bazobihanirwa

Sentare nkuru ya Kirundo yategetse ko abanyeshure b’abakobwa batatu biga mu mwaka w’indwi, bagirizwa gufutanganya ifoto y’umukuru w’igihugu iri mu bitabo vy’ishure, baguma bapfunzwe mu kurindira ko amatohoza arangira. Abo bigeme bamaze imisi cenda bahagaritswe, baciye barungikwa mw’ibohero ry’abakobwa ryo mu ntara ya Ngozi.  Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana, FENADEB, hamwe n’uwunganira abo bana […]