Abacamanza bavuze ko abana basibanganije ifoto ya Prezida w’u Burundi bazobihanirwa

Sentare nkuru ya Kirundo yategetse ko abanyeshure b’abakobwa batatu biga mu mwaka w’indwi, bagirizwa gufutanganya ifoto y’umukuru w’igihugu iri mu bitabo vy’ishure, baguma bapfunzwe mu kurindira ko amatohoza arangira.

Abo bigeme bamaze imisi cenda bahagaritswe, baciye barungikwa mw’ibohero ry’abakobwa ryo mu ntara ya Ngozi. 

Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana, FENADEB, hamwe n’uwunganira abo bana basaba ko bobarekura bakaburana bidegemvya.

Bagihagarikwa kw’igenekerezo rya 12 uku kwezi, abo banyeshure bari 7, bose bo kw’ishure nshingiro Akamuri muri komine Kirundo

Bagirizwa ‘kwonona isanamu’ y’umukuru w’igihugu iri mu bitabo vy’ishure bakoresheje ikaramu, nkuko vyemejwe na Francois Kayonde ababuranira. 

Umwe yaciye arekurwa ubwo nyene kubera adakwije imyaka yo gupfungwa, batatu nabo barekuwe inyuma y’imisi mikeya ngo kubera ata vyagiriji vyabonetse. 

Batatu basigaye mu gasho nabo, ngo nibo ivyo bitabu vyari vyanditseko.

Publicités