Duza ugusenga kwawe kwumvikane mw’ijuru ico uri cose kuko igihe n’iki kandi ugire ubuntu.
« Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasiba. Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hari nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo. Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyaduze biba icibutso imbere y’Imana.Ivyakozwe n’intumwa […]