Abagize Leta ya President Evariste Ndayishimiye yagirizwa kutagira imigambi irashe yo guteza imbere igihugu
Abihweza utuntu n’utundi babona yuko leta ya President Evariste Ndayishimiye yaje idafise imigambi irashe yo guteza imbere mu butunzi igihugu c’Uburundi. Nk’uko biboneka, umukuru w’igihugu afata umwanya munini ariko aridoga canke ariko araja mu manama hirya no hino ntafate ingingo ziboneka zo guteza imbere igihugu. Uturorero yafashe umugambi wo kuzibira ibinogo mu mabarabara aho kuyibaka, […]