Mwitabire umutumiro w’ijuri wo gusengera igihugu no gusengera imiryango yanyu.
ABIZEYE UHORAHO IMANA BATEGEREZWA GUHAGARARIRA UKURI MU GIHUGUNta murundi w’umutima yokwigira sindabibazwa kuvyerekeye igihugu ciwe mu kwinyegeza muvy’Imana. Ijambo ryose rije ribakebura kandi rihamagarira guhinduka, kwezwa no gutungana bama bagerageza kuritoramwo ikosa no kuryankisha abandi.Nyen’icubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi n’abamufasha, birirwa barasemerera yuko abantu bohindura ingendo, indongozi zitegeka nabi zikikubita agashi, abanyonora itunga ry’igihugu bakabiheba, abacamanza […]