Mumenye yuko dufise ubgenge bgo mw’ijuru twongera ku bgenge bgo mw’isi.
MWIGIRE KU MYIBUTSA Y’IKIRUNDI KUGIRA NGO MWIGE KWIBANGA KURIJAJARA NO KWAMANA AMAKENGA NK’ABANA B’IMANA[Matayo 10:16-18] IMYIBUTSA Y’IKIRUNDI:1.Agasozi kabaye indahiro ntikaba indagiro.2.Agakono katetse uburozi ntikozwa umusi umwe.3.Uwuhenzwe n’agahengwe acana inkinzo.4.Ugwangara rw’umwungere ruhaza imfyisi.5.Ikigutwaye umutima ni co kigutwara agatwe.6.Iyigendana na nyina ntibura aho iyonkera.7.Inkware y’ikijuju itebura n’umuhigi.8.Impfizi y’icayaye irisha ku macuniro.9.Akavyino k’igisiga gakebura inkoko.10.Imende yarihuse ihusha umwobo.11.Ugaburira […]