Kwamana umutima ugororokera Imana nikwo kuba umwana w’Imana.

WAME UZIRIKANA IJAMBO RY’IMANA WIRINDA KURISUKIRANYA N’IVYIYUMVIRO VY’ABANTU Abantu b’ubu bakubarira yuko bakorera Imana mugabo bakiganzwa na kameremere kabo batahindutse vy’ukuri ngo bacike abana b’Isumba vyose. Ivyo bigatuma hariho abibaza yuko gukizwa no kudakizwa arico kimwe.Imigenzo mibi iri mu bantu badakijijwe unayisanga mu madini no mashengero, ukayisanga mu mitima y’abantu bitirirwa kukorera Imana bigatuma bose […]