Umutumiro w’amasengesho wo kur’uyu wa Karuhuko (Isabato) igenekerezo rya 19/02/2022.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RYERA RY’IMANA Twebge abana b’Imana, abatoranijwe tugahabga isezerano ry’intahava ntituguma tureka ngo satani n’abadayimoni agume akubagura abakozi b’Imana mu kubateza ubuzimire, ububeshi, amanyama, ugusambura binyegeje mw’ijambo ry’Imana. Ubgo kuri uyu wa KARUHUKO igenekerezo rya 19/02/ 2022 tugiye imbere y’Imana, tuzosengera amasengesho twahawe twongere dusengere n’abo bahemutse kubera ivyaha bakora bagata imirimo y’Imana […]