Ingabire za Mpwemu Yera nizo zokiza Uburundi buri munsi y’umuvumo w’ubgicanyi, ubugunge, ubukene, inzara, ubusambanyi n’akarenganyo.
Agatabo gafasha Aba-Kristo kuganza isi Umu-Kristo yoganza, isi siyo yo muganza. Umu-Kristo akura ubushobozi budasanzwe mu ngabire za Mpwemu, mu gusenga, mu kwatuza akanwa kiwe no mu masezerano y’Imana.-Ingabire za mpwemu zikora neza iyo zihagaze mu vyamwa vya Mpwemu Yera dusanga mu Abigalatiya 5:22-24 .-Ingabire n’agakiza biratandukanye kuko abantu benshi bafise ingabire ariko badafise agakiza.-Agakiza […]