
Agatabo gafasha Aba-Kristo kuganza isi
- Umu-Kristo yoganza, isi siyo yo muganza.
- Umu-Kristo akura ubushobozi budasanzwe mu ngabire za Mpwemu, mu gusenga, mu kwatuza akanwa kiwe no mu masezerano y’Imana.
-Ingabire za mpwemu zikora neza iyo zihagaze mu vyamwa vya Mpwemu Yera dusanga mu Abigalatiya 5:22-24 .
-Ingabire n’agakiza biratandukanye kuko abantu benshi bafise ingabire ariko badafise agakiza.
-Agakiza ni UBUZIMA bg’IMANA bwinjira mu muntu kubera yizera YESU KRISTO.
-Ukwizera YESU KRISTO nakwo si mu majambo gusa ni uguhinduka mu vyiyumviro, mu ngeso no mubikogwa vyerekana ivyamwa vya Mpwemu Yera. - Nta mu-Kristo yo kenye, yo gize amagara make, yo kubaguwe canke yobaye munsi y’umuvumo.
- Umu- Kristo ni igikomangoma c’ubgami bg’ijuru. Ukugororoka, ukuganza n’umunezero vyo musaga akiri hano kw’isi.
- Aba-Kristo bubaha Imana atari abayiyitira b’ingwizamurongo bagiye kuganza Uburundi bahindure ibintu vyononye ingo, ishengero n’igihugu.
–Ngubgo ubuhinga bgo kuganza isi bakoresheje ubushobozi buri mu ngabire za Mpwemu ziresnga 27.