Imvura yasenyuye imisozi n’amazu yica abarenga 26 mu Ntara ya Cibitoke

Mu gihe abavugishwa batandukanye mu Burundi bavuga ibimenyetso vyo kuramukwa, bamwe bavuze ngo hagiye kwaka uruzuba rumena imbga agahanga bavugurujwe n’ijuru. Abavuze yuko hagiye kugwa imvura itwara abantu, imirima n’ibiraro basa n’abavugishijwe ukuri. Uko biri kwose, imvura itwara ibintu yamye n’uruzuba rwamye gwaka kuva kera. Uwovuga yuko hazogwa imvura hakaka n’uruzuba aba avuze ibizokwama biba. […]