
Mu gihe abavugishwa batandukanye mu Burundi bavuga ibimenyetso vyo kuramukwa, bamwe bavuze ngo hagiye kwaka uruzuba rumena imbga agahanga bavugurujwe n’ijuru. Abavuze yuko hagiye kugwa imvura itwara abantu, imirima n’ibiraro basa n’abavugishijwe ukuri. Uko biri kwose, imvura itwara ibintu yamye n’uruzuba rwamye gwaka kuva kera. Uwovuga yuko hazogwa imvura hakaka n’uruzuba aba avuze ibizokwama biba.
Ariko rero, naho biri uko hariho abavuze yuko haciye imyaka irenga icumi n’itanu ivyaraye bibaye mu ntara ya Cibitoke muri komine mugina ata nahamwe bibonywe.
« MURI COMMUNE MUGINA ZONE NYAMAKARABO HARAYE HAGUYE IMVURA IHOMORA IMISOZI.ABANTU BATARI BAKE BAGUWEKO N’IMISOZI. CANE CANE ABABA MUSI Y’IMISOZI. HAMAZE KUMENYEKANA 17 BAPFUYE.BIVUGWA KO BARENGA BARACATOHOZA. NAYO IMIRIMA YO N’AGAHOMERABUNWA. »