Umukenguzamateka aba mu Gatunguru mu gisagara ca Bujumbura yihaye inkumbi yonona vyinshi agenda araca kubantu n’imodoka yiwe.

Umukenguza mateka w’uburundi bavuga yuko aserukira abatwa yatashe ku muhana iwe mu Gatunguru ka Bujumbura asange umukenyezi wiwe ari kukwe n’umushitsi aca atangura kubakubita agafuni bose. Abana biwe bakuze baciye bahamagara abajejwe umutekano. Abanonye, yaciye afata imodoka arahunga agana igisagara hagati.

Kubera umuvuduko n’umurindi, aho yaciye hose yagiye aragonga abantu bari ku maguru, abari ku makinga, ku mapikipiki, mu tumodoka no mu miduga. Yishe benshi akomeretsa indiri. Abajejwe umutekano bashoboye kumuhagarika. Ivyo biri mu bintu vyerekana yuko imitima y’Abarundi ihuha kandi yuko igihugu gitegerezwa gutunganywa ukundi gusha.